Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bangladesh: Nyene inzu yasenyutse yafashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bangladesh: Nyene inzu yasenyutse yafashwe

Bangladesh: Nyene inzu yasenyutse yafashwe

dimanche 28 Ndamukiza 2013

Igipolisi co muri Bangladesh cavuze ko cafashe nyene inzu zasenyutse, Mohammed Sohel Rana, yari yarahunze kuva aho izo nzu zisenyukiye. Yafatiwe hafi y’ururibe rw’Ubuhinde, mu gace ka West Bengal. Abantu bari aho izo nzu zasenyukiye baryohewe cane, ndetse bakoma amashi menshi bumvise iyo nkuru.

Igipolisi co muri Bangladesh kandi cataye muri yompi ejo abakozi babiri bo mu nganda zasenyutse kuwa gatatu zigahitana abantu barenga amajana atatu.
Abakorera muri izo nzu bemeza ko baje kuzigendura umunsi umwe imbere y’uko zirwa, ba nyenezo bakavuga ko zikomeye ata ngorane zifise.

JPEG - 23.7 ko
Mohammed Sohel Rana,Nyene Inzu

Hari na nyene uruganda rukora impuzu hamwe n’umuyobozi warwo batawe muri yompi.
Abatabazi baracagerageza kurondera abantu bagera mu majana bakiri munsi y’ayo mazu yabomotse.
Ejo kuwa gatandatu bashoboye gutabara abandi bantu 26 bari bakiri munsi y’ayo mazu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.