Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barabonye ko kwicara ku marigara atanyungu bibazanira atari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Barabonye ko kwicara ku marigara atanyungu bibazanira atari (...)

Barabonye ko kwicara ku marigara atanyungu bibazanira atari uruhombo

vendredi 24 Nzero 2014

Kuzindukira kwicara muhira canke kuja ku marigara barabonye ko ataco vyobamarira, atari agahombo gakomeye, ku buzima bwabo. Ivyo bikaba ari ibivugwa na rumwe mu rwaruka rwafashe intumbero yo gukora ivyo bikorwa biruteza imbere.

Muri utwo dukorwa, hakaba harimwo nko kumwa imishatsi abantu, gusokoza imishatsi y’abakenyezi n’abigeme, gukora imashine z’inyabwonko, gukora utundi dukorwa tubinjiriza amafaranga, bakareka kwama bateze amaboko batazi ko yakirwa.
Udukorwa nk’utwo rero tukaba turi mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura, ndetse mu makomine atandukanye, y’igisagara ca Bujumbura, harimwo no mu gisagara hagati.

Mu makomine ya Bwiza, Buyenzi na Nyakabiga twashoboye guca, abakora umwuga wo kumwa bakaba batumenyesheje ko baronka amafaranga abatunga. Ku muntu bakaba barihisha amafaranga atari munsi y’amajana indwi gushika ku mafaranga igihumbi aje kwimwesha, ariko hakaba kandi hari n’aho bahamagarwa kuja ku mwa abantu babasanze mu mihana iwabo, ivyo rero bikaba bizimvye kuko umuntu aheza agahabwa n’amafaranga yo kwiyungururuza.

Ingorane abo bakora ako kazi ko kumwa imishatsi, kuyisokoza canke gukora utundi dukorwa bahura nazo, akaba ari ukuriha amazu, kuko ayo aduga ku mwanya ku mwanya, bigatuma nabo bibagora kuduza igiciro ku banywanyi babo babashorera, kuko babona ukwo ubukene bw’ifashe muri iki gihe, aho bishika abanyagihugu bakirirwa ubusa, bati :’’Hamwe natwe duciye tuduza ibiciro, twoba dusongereye isibe.’’
Ubu rero urwo rwaruka rukora utwo dukorwa, rukavuga ko rwitunze, atawe ruja kugora mu muryango ngo barufashe mu tuntu utwaritwo twose.

Bagasaba Reta y’Uburundi ko yoraba ikagabanya ikibazo c’ubushomeri, kuko kubera ikena ry’ubuzi, bituma usanga abantu nka bose bariko barwanira mu migambi imwe y’ibikorwa vy’iterambere.


Aristide Niizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.