IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Barack Obama afise umugambi wo kuduza ubutunzi muri Afirika

Barack Obama afise umugambi wo kuduza ubutunzi muri Afirika

samedi 1er Kigarama 2012

Barack Obana, umukuru w’igihugu ca Amerika avurwako vyinshi ku bijanye nuko atashikije ivyo yari yiyemeje gukorera akarere ka Afirika mu kiringo ca mbere ari ku butegetsi hakaba harimwo gutanguza Doing Business muri Afirika bifatiye ku kunagura abakozi, gufasha abanyamahanga baba muri Amerika, amanama n’ingendo zishingiye ku budandaji muri Afrika…

Igisata c’ubudandaji muri Amerika caratanguje ku mugaragaro kumunsi wa gatatu i Johannesburg umugambi wiswe Doing Business in Africa (DBIA). Umunyamabanga mfatakibanza ajejwe ivyo ubudandaji Rebecca Blanka, yashize ahabona uwo mugambi arikumwe n’abajejwe ivyo ubudandaji mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Mw’ikete ryagiye ahabona kw’igekerezo rya 26 Munyonyo, Barack Obama yamenyesheje ko uwo mugambi DBIA ari uwo gukomeza ivyo guhanahana no gushira uburyo mu karere kagizwe n’ibihugu bitandatu muri cumi biriko biratera imbere ku ntambwe iboneka muvyo ubutunzi mw’isi kandi ko abatari bake mu bafise amashirahamwe y’ubudandaji muri Amerika n’abakuru b’amahinguriro badatahura neza uko ibihugu biri munsi ya Sahara bitera imbere muvy’ubutunzi. Barack Obama yaremeye kandi ko umugambi DBIA uzoshingira cane cane ku gukangura abanyagihugu bo muri Amerika.

Gushika kuri ubu, ihanahana ry’ibidandazwa hagati ya Amerika na Afirika iri munsi ya Sahara birenga ibice bibiri kw’ijana ugereranije no kw’isi. Ariko rero mu mwaka w’2011, ubudandaji hagati ya Amerika n’ibindi bihugu yaraduze gushika ku bice cumi na bitandatu kw’ijana ugereranije n’umwaka w’2010 bishika ku ma miliyaridi arenga mirongo icenda.

Ibidandazwa biva muri Afirika birenga 6000 rero bishika muri Amerika biciye muri Afrika Growth and Opportunity. Intwaro ya Obama yiyemeje gukora kugira uwo mugambi ushike ku ntambwe ishimishije mu mwaka w’2015.


Ingabire M. Claire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.