IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Barack Obama asaba Kabila gutunganya amatora mu gihe bategekanije

Barack Obama asaba Kabila gutunganya amatora mu gihe bategekanije

mercredi 1er Ndamukiza 2015, par IGIHE

Umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika, Barack Obama yavuganye kuri telephone na mugenzi we w’igihugu ca Congo Yozefu Kabila, akaba yamusavye gutunganya amatora mu gihe categekanijwe.

Mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu Obama rimenyesha ko muri ico kiganiro bavuganye na cane cane ibijanye n’akamaro ko gukora amatora mu mwanya ukwiriye, mu muco, mu mahoro n’umutekano kandi n’amabwirizwa n’amategeko y’abanyekongo akubahirizwa.

Ico kiganiro bakaba bakigize mu gihe abanyacongo na cane cane abatavuga rumwe na Reta bikeka ko ubutegetsi bwa Yozefu Kabila bwoba bwifuza kwigumizaho , ibiringo birengeje ivyo ibwirizwa nshingiro bivyashinze. Iryo bwirizwa nshingiro naryo rikaba rikumira umukuru w’igihugu Yozefu Kabila, kwongera gutwara ubugira kandi, akarenza ibiringo bibiri.

Barack Obama yibukije ko ivyo bashoboye kuronka kubera iyo ntwaro ya Yozefu Kabila, aho yakuye ico gihugu mu ntambara asubiza ico gihugu mu nzira y’intwaro rusangi. Barack Obama agasaba abanyekongo gutsimbataza iryo ragi mu gutsimbataza intwaro rusangi, babicishije mu matora yigenga kandi atawo akumira mu mwaka uza w’2016.

Ico gihugu kikaba casubiye kwiyemeza kuguma hafi y’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo , mu kugena intumwa idasanzwe y’ico gihugu mu karere k’ibiyaga binini.


Floxella Karire

Messages

  • Thank u Obama,this is what we were waiting for.Great Lakes Presidents suffer from the same desease:have an everlasting on power.ibi bigategwa nugutinya kwagirizwa amabi bakora yaba ayaboneka canke ayataboneka.Iyo ntumwa ya USA twibaze ko yokwihutira na canecane ikibazo c’Uburundi amaraso ataraseseka kuko intambara bigaragara ko iriko irategurwa.

  • Ntibigera bahaga aba nyafrica

  • jyendabona tarikibazo cyoguhaga ahubwo basuzugura abo bayoborara abaturage bagomba kwihitiramo ubayobora aho kuguma kubutegetsi batagushaka!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.