Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barack Obama, Intwaro ibereye n’iterambere biramaze gutera intambwe muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama, Intwaro ibereye n’iterambere biramaze gutera intambwe muri (...)

Barack Obama, Intwaro ibereye n’iterambere biramaze gutera intambwe muri Afrika

jeudi 28 Ntwarante 2013

Umukuru w’igihugu c’ Amerika, Barack Obama, yarakiye abategetsi b’ibihugu vya Cap-Vert, Malawi, Senegal na Sierra Leone, mu biro vyiwe, Maison Blanche, ejo ku musi wa kane akaba yarahayagije intambwe mu vyerekeye ubutunzi ibihugu vyabo vyagize, n’intambwe ku vyerekeye gukomeza intwaro ibereye.

Barack Obama yavuze kw’abashitsi biwe bose bagize ibibazo bitoroshe vyerekeye politike mu bihugu vyabo, ko yamara ivyo bibazo harimwo ingwano muri Sierra Leone, ibibazo bifatiye kw’ibwirizwa nshingiro mu gihugu ca Malawi, n’ibibazo vya politike mu gihugu ca Senegal, vyasubiriwe n’intambwe mu bijanye n’umutekano n’iterambere.

JPEG - 22.5 ko

Abo bategetsi mu nama na Obama, barimwo Umukuru w’igihugu wa Sierra Leone, Ernest Bai Koroma, n’umukuru w’igihugu wa Senegal, Macky Sall, umushikiranganji wa mbere w’amazinga ya Cap-Vert, Jose Maria Pereira Neves, n’umukuru w’igihugu ca Malawi, Joyce Banda.

Barack Obama yarakiye inama nkiyo mu mwaka w’2011, n’abategetsi b’ibihugu vya Benin, Guinee, Cote d’Ivoire na Niger, imbere y’isohorwa mu mwaka w’2012 ry’umugambi ugenewe gukomeza ugukorana, mu vyerekeye ubutunzi na politike, n’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika, yo musi y’ubugararwa bwa Sahara.


Paterne Sengiyumva

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.