Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barack Obama : Ivangura rifatiye ku rukoba ryashinze imizi muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama : Ivangura rifatiye ku rukoba ryashinze imizi muri (...)

Barack Obama : Ivangura rifatiye ku rukoba ryashinze imizi muri Amerika

lundi 8 Kigarama 2014

Ivangura rifatiye ku rukoba rikorerwa abirabure muri Amerika ryarashinze imizi, nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’igihugu Barack OBAMA mu kiganiro yagiranye n’imboneshakure BET.

JPEG - 43.9 ko
Barack Obama

Umukuru w’igihugu Barack Obama yabishikirije yisunze ibiherutse gushika vuba kandi bishishikara no gutera uruhagarara muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika yose, aho uwujejwe umutekano w’uwurukoba rwera (race blanche) ahohotera bimwe birenze urugero abirabure baba mu karere akoreramwo. Kubw’ivyo, abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi baherutese kuja mu myiyerekanomu gisagara ca NEW YORK no mu bindi bisagara bikuru vyo muri Amerika, mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 04 Kigarama. Biyamiriza kudahanwa kw’abaporisi bagirizwa kwica imiyabaga y’abirabure ndetse ivyo bikaba vyahuriranye n’uwundi muporisi w’i Arizona yishe umugabo w’umwirabure afise imyaka mirongo itatu n’ine (34) y’amavuka, yagirizwa urudandazwa rw’ibiyovyabwenge.

Umukuru w’igihugu Barack OBAMA ashikiriza ko naho bibabaje cane, intambwe Amerika igezeko, hariho itandukaniro rinini agereranije n’ivyahora bikorerwa abirabure inyuma y’imyaka mirongo itanu (50) iheze. Akavuga kandi ko naho umuntu wese yobaza abakurambere babibonye, barashimishwa n’intambwe Amerika igezeko naho atari nziza, ariko vyopfuma.


Nizigiyimana Audace

Messages

  • Harumurundi asanzwe abamuri America mumwaka wa 2002 namusavye ngwamfashe mvemumacakubiri twaritumazemwo imyaka itarimike kuko icogihe narikondabona ibiganiro vyakaze hagati yabotwita inyeshamba zabahutu jewe nibazako nibaza tugafatikanya mwakinogihugu bobabazodukoreranabi kubera bagumabavugako bacinyijwe imyakamyishi, ntagiyemurimeshi uwomugenzi abamuri America yambwiyati: Iyi America uyizigice kubijanye namacakubiri atinabambere kumacakubiri atariko babikorana ubuhinga, atiwoshaka wosengimana abobantu bakavamwishamba mugasangiraduke twomugihugu camavukiro twarabivuzekovyishi. Igitangaje haniwacu Burundi ukonavyibaza sikobiri ahogubangayika ngonuko uruwomubwokorunaka wohangayika kubera uruwomumugambwe runaka uwomudasangije umugambwe kandimusangije ubwoko asumbwanuwo mudasangijubwoko arikomusangije umugambwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.