Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barack Obama na David Cameron baragabisha Siriya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama na David Cameron baragabisha Siriya

Barack Obama na David Cameron baragabisha Siriya

dimanche 25 Myandagaro 2013

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron n’umukuru wigihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama bamaze iminota 40 bavugana kure telefone.
Bompi bari baraje ishinga n’ibimenyetso bikomeza kwiyongera, bigaragaza ko hari igitero gikomeye cakoreshejwemwo ibirwanisho vy’uburozi cakozwe n’ubutegetsi bwa Syria.

Kubw’amakuru ya BBC, ivyo bitangazwa n’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron.
Leta ya Syria yo irahakana ko ata ruhara ifise muri ico gitero, igatunga agatoki abayirwanya.
Imboneshakure ya Leta ya Syria yatangaje ko ingabo zayo zatoye ibikoresho vy’uburozi mu myobo ikoreshwa n’abarwanya Leta mu buseruko bwa Damasi.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bagiriza ingabo za Leta ko zishe abantu bari hagati y’amajana atanu n’igihumbi, mu micungararo ya Damas, mu gatondo ko ku munsi wa gatatu.

Abo batavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko abahinga ba ONU basanzwe bari i Damas gutohoza ku bindi bitero vyari vyaketswemwo ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’uburozi, ko boshika no ngaho gutohoza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.