Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barack Obama, na perezida wa Korea y’epfo munzira imwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama, na perezida wa Korea y’epfo munzira imwe

Barack Obama, na perezida wa Korea y’epfo munzira imwe

mercredi 8 Rusama 2013

Perezida wa Amerika Barack Obama, yatangaje ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Korea y’epfo vyokwakira neza ihinduka ry’inyifato y’igihugu ca Korea ya ruguru ku mugambi w’ico gihugu werekeye ibirwanisho ruhonyanganda.

Yamara perezida Obama, yatangaje ko Amerika yiteguriye kwivuna Korea ya ruguru, n’ugutabara ibihugu bicuditse.

Mw’ijambo yatangarije mu biro vyiwe, Maison Blanche, ejo ku musi wa kabiri ari kumwe na perezida wa Korea y’epfo, Park Guen-Hye, perezida Obama yatangaje ko Amerika na Korea y’epfo vyiteguriye ibiganiro ku vyerekeye Korea ya ruguru, yamara ngw’ivyo bizosaba uguhindura inyifato kw’abategetsi ba Korea ya ruguru.

JPEG - 23.1 ko

Yavuze kw’imisi aho Korea ya ruguru yashobora gutera ibibazo, kugira irondere kw’amakungu agira ivyo ayihebeye yarangiye, mu kuvuga ko Amerika na Korea y’epfo vyunze ubumwe bikomeye, mu gihe Korea ya ruguru itera yikumira mu makungu kurushiriza.

Ikiganiro perezida Obama yahaye abamenyeshamakuru, cabaye inyuma y’ibiganiro hagati yiwe na mugenziwe wa Korea y’epfo, kuri Korea ya ruguru, n’inyifato ico gihugu giherutse kwerekana, mu kugabisha gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.