Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barack Obama yamenyesheje ko atanka ibirwanisho iyo ari mugihe co (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama yamenyesheje ko atanka ibirwanisho iyo ari mugihe co (...)

Barack Obama yamenyesheje ko atanka ibirwanisho iyo ari mugihe co kwidagadura

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Mugihe igihugu kiriko kiraharira ivyerekeye kugabanya ibirwanisho biri mubanyagihugu ba Amerika Maison blanche yaraye yerekanye isanamu y’umukuru w’igihugu Barack Obama ariko ararasa kugira ngo yerekane ko nawe akunda kurasa.

Iyo sanamu yerekana umukuru w’igihugu ariko ararasa akoresheje inkoho y’uruhigi, hari kwitariki zine myandagaro mu kibanza Biminyererezamwo kurasa ca CAMP DE DAVID kiri mu ntara ya Maryland hafi ya Washington ivyo vyerekanywe na Maison Blanche kuri site yitwa Flickr, imwerekana yambaye amarori nigipfuka amatwi yambaye Ijinisi n’agapira. Tubona kandi n’umwotsi uvuye mu nkoho.

Ivyo vyabaye nk’inyishu ku makenga yari afiswe n’abatagomba ko ibintu bihinduka inyuma y’ikiganiro umukuru w’igihugu yagiranye n’ikinyamakuru citwa New republic co kuwa 27 nzero aho yavuze ko mu kibanza ca Camp de David ariho yama yidagadurira mukurasa utunuma tw’ibumba. Mukiganiro co kugabanya ibirwanisho mubanyagihugu yamenyesheje ko atanka ibirwanisho iyo ari mugihe co kwidagadura ivyo rero bikaba vyarashimangiwe n’izo sanamu zerekanywe kumunsi wa gatandatu.

Mwomenya ko umukuru w’iguhugu arindiranywe igishika muburaruko bwa Reta zunze ubumwe za amerika aho azoja gusigura umugambi wiwe wo gukura ibirwanisho bicira umuriro mu bantu inyuma y’ubwicanyi bwahitanye abantu 26 mukwezi kwa nyakanga mu karere ka Newton, rukaba arirwo rugendo rwa mbere rw’akazi azoba agize hanze ya washington.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.