IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Barack Obama yaneguye abakuru b’ibihugu bigumiza ku butegetsi

Barack Obama yaneguye abakuru b’ibihugu bigumiza ku butegetsi

mardi 28 Mukakaro 2015, par Paterne

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama, yabwiye abakuru b’ibihugu vya Afrika ko iterambere ry’umugabane wa Afrika,ritegerezwa kujana n’intwaro rusangi,umwidegemvyo n’agateka ka zina muntu.

Mw’ijambo yavugiye imbere y’abakuru bo mw’Ishirahamwe ry ’Ubumwe bwa Afrika ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Abbeba, Obama yavuze ko Afrika idashobora gutera imbere igihe abakuru b’bihugu banse kurekura ubutegetsi igihe ibiringo vyabo birangiye.

Barack Obama yavuze ko mu gihe abakuru b’ibihugu batanguye guhindura ibwirizwa nshingiro bakiri ku butegetsi,bituma igihugu kija mu bibazo nk’uko biri mu Burundi muri iki gihe.Yavuze ko ata muntu ari hejuru y’amategeko naho yoba umukuru w’igihugu.

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko hari abakuru b’ibihugu bibaza ko ari bo nyene bashobora gushira ibihugu ku murongo,aca avuga ko nawe yoshobora kuguma ku butegetsi ariko ko adashobora guca hejuru y’amategeko.


IGIHE

Messages

  • bien dit monsieur le president, nico gituma duzokwama dusubira inyuma nkibirenge imizeze yabo niyo bashira imbere.l

  • Non Ko Mwavuz Uko Harico Bizohinduru Muri Africa?Nimba Mushoboy Kubihindura Muragir Turab Ariko Mu Burundi Umenga Ntivyokunda Ndibaza Kuko Twbw Abarundi Turifs Ariko Ni Abarundi Bandi Atari Jw Kko Jw Ntaco Mfis Mumufuko Ariko Ndafis In My Brain.

  • ntakintu gishasha kiri mw’iryo jambo kuk usa ata mfashanyo igitanga muri afrika nta nguvu lero iryo jambo rifise ku bategetsi bo mur afrika.gusa biboneka ko ari publicite yariko aragira .Chine yaramaz gufata ibirindiro mur afrika.

  • Komera Obama urumushingantahe uravuga ijambo gishingantahe yesu aguhezagire

  • AHUBWO GIRA ICO MUFASHIJE MUBURUNDI KUKO AMAZI YARENZE INKOMBE.BESHI BARIKO BAZIRA INDA Y UMUNTU UMWE.

  • Obama ararengeje,none africa nimba iriko iterimbere ni kubera ’ubutegetsi bwiwe?Ako gateka ka zina muntu atubwira ni akahe,canke ashaka ko africa icika umumnuko tuzogende dutsitara ku ba homosexuels,sinon yari guhera ku gateka k’abirabure muri USA.
    Agahugu kacu karagowe,ko atavuga abo bahindura ibwirizwa nshingiro,canke il a hate ko kenyatta ahava hagatwara umu luo w’iwabo,ni igitangaza uwokwumva avugango africa iriko iterimber wogira ngo c’est grace àlui,bose bari permetta kutugaya no kudushima comme si on est des gamins.

  • la sodomie turayiyamirije twivuye inyuma,uyo mwanda ntawe dushaka muri africa,ako gateka avuga ni ako aba homosexuel,nta kandi.Desordre iri muri africa ,ibaze turekuriye abatinganyi kwisanzura mu bihugu vyacu,nubu abagenda binyegeje abahungu basigaye batinya guca mu ma kartiers amwamwe batinya kuba violés,ibaze namwe.

  • obama wew urumusumyi w urusaku. ja muri amerika utuve hamw abirabur baw abazungu barabish barabamaz non akogateka uronderr abanya frika katar iwaw nakah? twaraguhinyuy.

  • Komera mutama OBAMA,urumushingantahe wijambo kabisa,OBAMA oyeeeeeeh.

  • Umutware Ni Nk, Uyo Atwara Igihugu C, Gihangange Mugabo Akubaha Amategeko. Aadakeneye Ko Abo Arongoye Hapfa N, Umwe. Yemera Ko Nanyina W, Uwundi Avyara Umuhungu. Azokwamana Icubabahiro Kugeza Imana Imuhamagare.

  • Komera nyakubuhwa oboma,abanya africa nidutahure ko igihigu gitegerezwa gutera imbere muguhe habaye isabikanywa ryubutegetsi.ijambo rya oboma ririmvikana ko ariryumuntu ateye imbere cane.tujijuke rero tumeny kogutwara neza atarugupfira kubutegetsi

  • Abamubwiye ivy’uburundi baramubeshe!Usanga yasomye ivyo oposition yamurungikiye. None muburundi barahinduye ibwirizwa shingiro? Faux!

  • Ahaaa!Uwo Niwe Mugabo Pe!!Ngira Biyunvira Ko Ar Imana Reka Imana Ikore Icyo Igamije K Uburundi <<huguha>>

  • mwe muratwenz nne obama atwara mu burundi canke mur america?nategeke iwiwe hapana ngaha.hama ibibazo uburundi bufi6,vyavuy kuri abo bagesera b’abatutsi,ubu rer,uruhigi rwarahindukiy

  • MUBISANZWE USA IRATANDUKANYE N’UBURUNDI KURE NIYO.MURI LYBIA BAGUMUYE ABANYAGIHUGU BABAHA N’IBIRWANISHO,HAMA BOBO BACA MUKIRERE BITWAJE NGO LETA IRIKO IRICA ABANYAGIHUGU.MU BURUNDI TUBANE NEZA TWIRINDE AKARENGANYO.ARIKO Adelard SHIRAHISHIZE arongoye umugambwe KAZE-FDD n’urunani COPA mu ntara ya Ngozi ariko ararengana kuko yitangiye umukuru w’igihugu,ariko wewe ashobora kuba atabibona kandi na twebwe Abagumyabanga twarabibonye.

  • Mubisanzwe OBAMA ntiyoshobora kuguma k’ubutegetsi kuko ntaho yobihera,kiretse ashatse kwimaramaza.Ivyo ntabigereranye n’UBURUNDI kuko ninkuko muri USA bokwumvikana gutwara igihetangabo kimwe k’imyaka ibiri.None vyoca bifata Isi yose?Je nemera KAZE-FDD Ngozi kuko Adelard SHIRAHISHIZE ayirongoye ntahengama.

  • OYO TWEHO MUBURUNDI VYABAYENDASE NTAKO AMAKUNGU ATABAHANURA ARIKO ABATEGETSI BACU NTIBAVYUMVA BARWANIRA AKANYUNGU KABO KUKO BOSE BAROZWE RUMWE TURASABA IMANA UDUHE IMVUGAKURI NKA NDADAYE ET RWAGASORE

  • Ni Vyiza Cane Kwumva Ko N’uwurongoye Ibihugu Vya Afrika Abona Ibiriko Baraba Muri Bino Abihugu Harimwo N’uburundi.None Ko Afise Ububasha,ntakintu Yoshobora Gufasha?"ijambo Ry’Imana Rivuga Ko :ùzi Gukora Iciza Ntagikore Bimubera Icaha."

  • EMWE,NAKUKURUKE NTAWUHOKUNMA.!!

  • ABANTU BARAPFUYE MU RWANDA, MU BUGANDE, MULI RDC, NONE N’UBURUNDI.
    CE SONT DES MILLIONS DE PERSONNES.LA CONTRUBUTION DES AMERICAINS ON LA CONNAIÃŽT.
    IL FALLU UN TIR DE AKACHNIKOV AU KOWEà TPOUR QU’UNE ARMADA IMPRESSIONNANT VENANT DE NOS AMIS AMERICAINS ET OCCIDANTAUX SOIT DECLANCHEE SANS MËME QU’ILYAIT 100 KOWEà TIENS TUES.
    VIVE L’ONU VIVE L’ONCLE SAM

  • nkuko prezid obama yabize turamushimiye.turavye nkapetero nkurunziz ashaka kwigumiza kubetegetsi ntagomba guta igihugu mungorane?muga nik babifashe ibihungu mengo nib babivvtsemwo bonyene.arik imana niy mucamanza wavyose.murakoz

  • Ijambo rya président Obama rirumvika.Ariko rero abakuru b’ibihugu vya Afrika burya baguma ku butegetsi kubera baba bakenye.Ibihugu bitunze nibirondere uburyo vyoshigikira abakuru b’ibihugu biri mû bukene Hama barabe KO batzzoja nabisikznya n’abandi bitagoranye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.