Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barack Obama yarakinye Golf na Tiger Woods - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama yarakinye Golf na Tiger Woods

Barack Obama yarakinye Golf na Tiger Woods

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Presida Obama yarakinye urukino rwa golf n’umukinyi rurangiranwa muri golf Tiger Woods, kuri uyu w’imana igenekerezo rya 17 Ruhuhma , 2013 urukino rwabereye mu ntara ya Floride.

Nk’uko amakuru atangwa n’icegera c’umuvugizi w’umukuru wa Leta zunze ubumwa za Amerika, Josh Earnest abivuga, ngo Barack Obama yakinye urwo rukino arikumwe n’uwuserukira ico gihugu mu budandaji Ron Kirk, Jim Crane hamwe na Tiger Woods.

JPEG - 6.3 ko

Igice cambere c’urwo rukino cahuje Obama na Woods, bakiniye ku kibuga ca golf c’abigenga citwa Floridian kiri mugisagara ca Palm City hafi y ‘ikivuko ca citiriwe umweranda Lucie ku nkengera z’ibahari Atlantique, aho rero presida Obama akaba yahamaze uburuhuko burangiza indwi.

JPEG - 38.4 ko

Ku munsi wa gatandatu Obama yari yagize urugengo arikumwe na Butch Harmon, yahoze ari umumenyereza wa Tiger Woods kuva mumwaka w’1994 gushika mu 2003. Jim Crane nawe akaba ariwe nyene ico kibuga ca Floridian hamwe n’ikibuga ca base- ball kiri muri Houston.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.