Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barack Obama yarimitswe gutwara ikiringo ca kabiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama yarimitswe gutwara ikiringo ca kabiri

Barack Obama yarimitswe gutwara ikiringo ca kabiri

mardi 22 Nzero 2013

Umukuru w’igihugu wa Leta zunze ubumwe za Amerika w’44, yararahiye yongera arashikiriza ijambo ry’iminota 20 mu birori vyo kumwimika kuronga Leta zunze ubumwe za Amerika ku ncuro ya kabiri.

Abantu benshi baharurirwa mu bihumbi,nibo bari bashikiye i Washington kuri uno wa mbere mu birori vyo kwimika Barack Obama yatowe ngo arongore Leta zunze ubumwe za Amerika ku ncuro igira kabibi mu matora yabaye igenekerezo rya 6 Munyonyo mu mwaka uheze w’2012.

Uwo mukuru w’igihugu agira 44 wa Leta zunze ubumwe za Amerika yari yarahiye irya mbere ari kumwe n’icegera ciwe Joe Biden kuw’Imana afashe amabibiriya y’uwagwaniye agateka k’abirabure Abraham Lincorn na Martin Luther King.Mw’ijambo yashikirije ,Barack Obama yavuze ko azoshimikira cane cane k’ubwigenge no kungana kw’abatoye bose.

JPEG - 15.3 ko

Barack Obama yavuze ati:« Urugendo rwacu ntiruzorangira mu gihe cose abakenyezi bacu,abavyeyi bacu hamwe n’abakobwa bacu bazoba batararonka ubuzima bufatiye ku nguvu zabo.Urugendo rwacu ntiruzohera igihe cose abarangura amabanga y’abubatse basangiye ibitsina bazoba batarafatwa nk’abandi banyagihugu bose nk’uko babirekurirwa n’amategeko.»

Umukuru w’igihugu Barack Obama akaba atibagiye kuvuga ku bibazo bijanye n’ubutunzi n’imibano ari navyo biteye amakenga muri kino gihe abanyagihugu bo muri Amerika.

Ibindi Obama yagarutseko ni ibijanye n’ubushuhe bw’ikirere aho yamenyesheje ko Leta zunze ubumwe za Amerika zizogira ico zikoze ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe ngo kuko kutabikora kwoba ari uguhemukira abana babo n’abandi bazovuka muri kazoza.

Ku bijanye n’imigenderanire,Obama yamenyesheje ko Amerika izokomeza ubucuti isanzwe ifitaniye n’ibindi bihugu vyo kw’isi yose.Akaba yarangije amenyesha ko gushika mu mpera z’umwaka w’2014 ingwano ziri mu gihugu ca Afganistan zizoba zarangiye.

Tubibutseko Barack Obama ariwe yabaye umwirabure wa mbere atorewe gutwara Leta zunze ubumwe za Amerika akaba afise amamuko mu gihugu ca Kenya kiri mu karere ka Afrika y’ubuseruko.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.