Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barak Obama yarungitse ingabo 45 muri Soudani y’Epfo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barak Obama yarungitse ingabo 45 muri Soudani y’Epfo

Barak Obama yarungitse ingabo 45 muri Soudani y’Epfo

vendredi 20 Kigarama 2013

Inyuma yaho habereye imishamirano idasanzwe i Juba, hakahasiga ubuzima abagera ku 500 kuva mu kwezi kwa Kigarama, Barak Obama, umukuru w’igihugu ca Reta nzunzubumwe za Amerika yafashe ingingo yo kurungika abasirikare bagera kuri 45 kugira bacungere umutekano w’abanyamahanga hariyo hamwe n’ubuserukizi bwabo.

Mu rwete yarungukiye inama nshingamateka kuri uyu wa kane wa 19 Kigarama, Barak Obama yamenyesheje ko izo ngabo uko ari 45 zarubgitswe mu gihugu ca Soudani y’amaja Epfo ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 18 Kigarama zikazogumayo gushika umutekano ugarutse.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Mariya Harf, umuvugizi wo muri Reta ya Soudani y’amaja Epfo, abanyamahanga bagera kw’ 130 harimwo n’abanyamerika, bari i Juba, igisagara ca Soudani y’amaja Epfo bakaba batanguye kwimurwa bavanwa muri ico gisagara, mu gihe ingabo za Reta n’abaroberi babandanya batana mu mitwe.

Mukamenya kandi ko n’imbere yaho, hari indege yaje iva i Washington itwara imirwi igera kuri 3 y’amanyamahanga harimwo n’abategetsi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.