Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Baranse guhimbaza umusi mukuru w’abakozi batarahembwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Baranse guhimbaza umusi mukuru w’abakozi batarahembwa

Baranse guhimbaza umusi mukuru w’abakozi batarahembwa

jeudi 2 Rusama 2013

Mu gihugu ca Afrika y’epfi ntibubahirije umugenzo wo kugira defile i Bangui kw’ibarabara ryitiriwe abamaratiri uko umwaka utashe , igenekerezorya 1 Rusama ku munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi.

Abakozi bo muri ico gihugu bakaba bari barindiriye agahembo kabo inyuma y’ukwezi kuhaciye “Seleka igiye ku bubutegetsi.
Kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2013, abakozi bose n’abakora mu biro vya Leta bari batonze mu ma banki yo muri Bangui kugira baronswe agashahara kabo, ariko ntaco bashoboye kuharonka.

Hilaire Nguito, umukozi wo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, yabwiyeikinyamakuru AFP ko bamaze amezi abiri bataronka agashahara kabo. Mbere n’igihe abarongozi bashasha baza ku butegetsi, bakabemerera ko bazobahemba ukwezi kwa Ntwarante k’umwaka w’i 2013, ntavyo bakoze. Ishavu rero riraniga ku bakozi bose bo mu gihugu ca Afrika yo hagati.

Umukozi wa Syndika nawe atashimye kwivuga izina, yamenyesheje ko hari haciye imyaka cumi ivyo bibaye. Umukuru w’igihugu aheruka kuva ku butegetsi, Francois Bozize, we arashimirwa kuri urwo ruhande kuko we yaritwararika ko abakozi baronka agashahara kabo ku kwezi ku kwezi, mbere n’abo muma syndika bahora baronswa amahera yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakozi ntibayahawe.

Mw’ijambo ryo kuri uwo munsi mukuru ryashikirijwe n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi, Sabin Kpokolo, yaragerageje kwisigura ,aho yavuga ko uyu mwaka uwo munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi utahimbajwe nk’uko vyahahora kuko uje inyuma y’ukwezi kumwe gusa umukuru w’igihugu Michel Djotodia yinjiye mu mabanga yiwekw’igenekerezo rya 24 Ntwarante.

Ange Nguinza, umunyeshure wo muri kaminuza avuga ko bari mu bihe bidahumuriza na gato, kandi ko bidashoboka ko bokwigina uwo munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi akazi.

Abanyagihugu baho muri ico gihugu baridogera ubutegetsi bushasha, bakavuga y’uko kuva Francois Bozize avuye ku butegetsi, ibintu vyagiye birayangara kuko ubusuma n’ubwicanyi biguma vyibonekeza i Bangui.

Kubwa Petero Lebrun Siovene ari mw’ihuriro ry’ishirahamwe rya syndika y’abakozi muri Afrika yo hagati, ubutunzi bw’ico gihugu ntibwifashe neza, eka mbere no mu gisata c’imibano n’uko nyene, kuko himonogoje ubusuma mu buzi n’ibindi. Ivyo bigaca bituma benshi babura akazi. Ubushomeri nabwo bugaca bwiyongera mu gihugu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.