Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barcelona FC irabandanije mugice ca kane inyagiye AC Milan 4-0 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Barcelona FC irabandanije mugice ca kane inyagiye AC Milan 4-0

Barcelona FC irabandanije mugice ca kane inyagiye AC Milan 4-0

mercredi 13 Ntwarante 2013

Intsinzi y’ibitsindo 4 ku 0 nta benshi bari bavyiteze imbere y’uko urukino rwo gusubiriza rwa FC Barcelone na Milan AC rutangura kuri uwu wa kabiri, uravye ukuntu umugwi wa FC Barcelone wari umaze imisi wigenza.

Igitsindo ca mbere cabonetse hakiri kare ku munota ugira gatanu w’urukino ku mupira watewe n’umukinyi rurangiranwa wa FC Barcelone Lionel Messi ahagatiwe n’abakinyi b’inyuma batatu ba AC Milan.

Abakinyi ba AC Milan bagerageje gusatira nabo nyene ariko ntacavuyemwo ufatiye ku karorero k’umupira wagaruwe n’icuma c’i buryo c’izamu rya Valdès wari watewe na Niang ku munota wa 38.

Ku munota ugira 40 w’urukino Messi yaciye aha umugwi wiwe igitsindo ca
kabiri ku mupira ukomeye yacishije hagati y’amaguru y’umukinyi w’inyuma wa AC Milan.

Igice ca mbere kirangira ari ibitsindo 2 vya FC Barcelone ku busa bwa AC Milan.

Igice ca kabiri catanguye nk’ica mbere, abakinyi ba FC Barcelone ni bo bagumye biziziye umupira ku bice 71%. Xavi na Iniesta hagati mu kibuga ntibahaye agahengwe abakinyi ba AC Milan.

Ku munota wa 55, niho David Villa yinjiza igitsindo kigira gatatu kumupira yahawe na Xavi, FC Barcelone yari ironse uburenganzira bwo kubandanya mu gice ca kane c’ihiganwa ata gihindutse.

Ico gihe umupira waciye ushuha ku mpande zose, Milan irondera n’imiburiburi igitsindo kimwe Barcelone nayo igomba kwongereza.
Robinho yari yinjiye mu gice ca kabiri yahakije igitsindo ku munota wa 82, umukinyi Alba ni we yazibiye umupira yari yateye uca uja guterwa mu mfuruka z’ikibuga.

Ku mupira wari waduganywe na Messi hamwe na Alex Sanchez,
Jordi Alba nyene ni we yahavuye aca intege umugwi wa Milan mu kwinjiza igitsindo kigira kane mu minota y’agasunuzo.

Inyuma y’urukino rwa mbere rwabereye i San Siro (Milan 2 Barça 0), umugwi wa FC Barcelone uhejeje kuronka uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gikombe c’imigwi yabaye iyambere i wabo i buraya.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.