Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bariyamiriza bivuye inyuma ikoreshwa ry’amasanamu ya Obama mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bariyamiriza bivuye inyuma ikoreshwa ry’amasanamu ya Obama mu (...)

Bariyamiriza bivuye inyuma ikoreshwa ry’amasanamu ya Obama mu rudandaza

wa

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Abakora mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika "Maison Blanche"ntibanezerezwa n’abadandaza bakoresha amafoto ya Barack Obama ku bidandazwa vyabo. Aha bavuga ubudandaji bwa gendanwa Sumsung.

Igihe Barack Obama yakira mu nzu akoreramwo "Maison Blanche" abakinyi b’urukino rw’amaboko Basketball bo mu murwi Red Sox, abakinyi barafashe amasanamu bari kumwe n’uwo mutegetsi begeranye cane. David Ortiz batazira Big Papi ni umwe muri abo bakinyi Obama yahaye ikaze aho akorera.

Niho mugenzi wa David Ortiz yasaba Barack Obama ko bobafata isanamu bari kumwe, David Ortiz yaciye ayifata. Ahejeje yaciye ayitangaza ku murongo wiwe wa Twitter. Uwo mukinyi asanzwe rero afitaniye amasezerano n’uruganda rudandaza za ngendanwa zo mu bwoko bwa Sumsung, yerekanye iyo sanamu ya Obama, barayishima cane kubona yabonetse hakoreshejwe ngendanwa yabo.

Iyo sanamu imaze gukwiragizwa, umuvugizi wa Obama yaciye yiyamiriza iyo nyifato. Jay Carney ati : "Muri rusangi, turiyamirije ikoreshwa ry’amasanamu y’umukuru w’igihugu mu rudandazwa". Yongera ati : "Turavyiyamirije guhera kuri ibi biherutse kuba". Jay Carney avugira Barack Obama yabivuga akebura n’ubutungane gukwirikiranira hagufi ico kibazo.

Abarongozi b’uruganda rwa Sumsung bobo barahakana ko batabigize nkana, ariko hari amakuru yemeza ko iyo sanamu yafashwe ku bushake bwabo.

Mwomenya ko atari ubwa mbere hiyamirizwa ikoreshwa ry’amasanamu y’umukuru w’igihugu Barack Obama mu rudandazwa. Mu mwaka w’2011, hari hasohotse itangazo rigabisha abakoresha amasanamu ya Obama mu rucuruza, aho bahagarika ibikorwa vy’ishirahamwe ryo mu Butariyano rihingura impuzu ryakoresha amasanamu yiwe.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.