Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Baronse ubushimwe bw’ugutembera mu makungu kubera gukina neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Baronse ubushimwe bw’ugutembera mu makungu kubera gukina neza

Baronse ubushimwe bw’ugutembera mu makungu kubera gukina neza

mercredi 19 Ruheshi 2013

Ku kibuga citiriwe umuganwe Ludoviko Rwagasore i Bujumbura, niho habereye igice canyuma c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru citiriwe Coca Cola 2013 , iryo higanwa ryateguwe n’ishirahamwe Brarudi, rifashwe mu mugongo n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi hamwe n’ubushikiranganji bw’inkino urwaruka n’imico kama.

Urwaruka rushika kuri 720, ni rwo rwashoboye kwitaba ayo mahiganwa yabereye mu gihugu cose. Ishure ry’imyuga ry’Alexandro Rossi ry’i Ngozi niryo ryatahukanye intsinzi muri ayo mahiganwa yitiriwe coca cola 2013. Mu gice canyuma rero umurwi w’ishure ry’imyuga ry’i Ngozi wakinye n’umurwi w’ishure ryisumbuye rya komine Kinyinya ryo mu ntara ya Ruyigi, maze umurwi w’ishure ry’imyuga ry’i Ngozi utsinda ab’i Kinyinya ibitsindo (3-0), baca baronka amafaranga umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.

Ishure rya kabiri naryo ariryo ry’i Kinyinya baronse amafaranga ibihumbi amajana atandatu mu gihe mu kibanza ca gatatu haza ishure rya Comibu ryo mu gisagara ca Bujumbura, nabo bagaca baronka amafaranga y’amarundi ibihumbi amajana ane.

Ay mahiganwa rero ahuza abanyeshure bo mu mashure yisumbuye, atuma haboneka abanyeshure bafise akazoza mu mupira w’amaguru. Muri uyu mwaka, uwatowe kuba yarakinye neza ni Nyangoma Abdul-Razzak batazira Boban w’i Nyanza-Lac, mu gihe uwatowe kuba ariwe yatsinze ibitsindo vyinshi ari Alain Mbazumutima w’i Ngozi. Abo babiri bakaba baronse udushimwe hamwe n’itike y’indege izobashikana muri Afrika y’Epfo mu nyigisho zizomara indwi zibiri mu kwezi kwa Mukakaro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.