IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Basaba ko benewabo bafungiwe mw’ibohero rya Ngozi borekurwa

Basaba ko benewabo bafungiwe mw’ibohero rya Ngozi borekurwa

vendredi 17 Nzero 2014

Abanyeshure bo muma kaminuza yigenga n’iy’igihugu basaba Reta hamwe na buramatari w’intara ya Ngozi gusubiramwo gusoma amategeko agenga abantu bahungiye hagati mu gihugu cabo kuko ivyo bariko barabakorera muri kino gihe ataho bisa bisaniye n’amasezerano Uburundi yateyeko igikumu. Basaba kandi ko abafungiwe mw’ibohero rya Ngozi borekurwa ata na kimwe gisabwe.

Abanyeshure bo mu makaminuza yigenga n’iya Reta bava muri site Ruhororo iri mu ntara ya Ngozi, kw’igenekerezo rya 13 Nzero uno mwaka w’2014 barandikiye ikete uwuserukira ibiro bikuru vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu. Abo banyeshure bavuga ko barajwe ishinga n’ituratuzwa rimaze igihe rikorerwa abanyagihugu bo muri iyo site ya Ruhororo. Bagira bati : "Nyakubahwa nta numwe ayobewe ko abanyagihugu batari bake bari muma site y’abateshejwe izabo ari abacitse kw’icumu mu bwicanyi bw’ihonyabwoko bwabaye mu ntambara yo mu mwaka w’1993, nk’uko vyemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka w’1996."

Abo banyeshure bavuga ko kwirengagiza ikibuza abo bateshejwe izabo gusubira mu mihana baje bavamwo aho babahatira kuja mu bigwati vy’amahoro vyerekana ko abo bategetsi batemera ko habaye ihonyabwoko mu mwaka w’1993. "Aha rero twashaka kwibutsa ko umuntu yahungiye mu gihugu ciwe nawe afise uburenganzira hamwe n’umwidegemvyo ategerezwa kurekerwa, ivyo rero biriko birakorwa n’abo bategetsi bo mu Burundi bizotuma umugambi wo kunywanisha abarundi udakunda." Babandanya bavuga ko batangaye kubona Reta yiyumvira guhindura iyo site y’abateshejwe izabo bagashaka kuyihinduramwo ikigwati c’amahoro. Bati : "Ntivyumvikana ingene bashaka kwirukana bamwe, bashaka kuhashira abandi."

Muri iryo kete, abo banyeshure bo muma kaminuza y’abigenga n’aya Reta bava muri iyo site ya Ruhororo basaba ko benewabo bari mw’ibohero ry’i Ngozi barekurwa vuba bwango kandi ata gisabwe. Basaba ko ikibazo cabo cokwigwa hamwe muri rusangi, hako cigwa umwe umwe ku giti ciwe. Ku bijanye n’icegeranyo c’umurwi washizweho na buramatari w’intara ya Ngozi uvuga ivyerekeye iyo site ya Ruhororo, basaba ko ivyanditswe muri ico cegeranyo bitoshirwa mu ngiro kuko muri rusangi catewe ivyatsi. Abo banyeshure babandanya basaba ko abakoze ihonyabwoko boshirwa mu butungane, aho kwihutira kubashira mu bigwati vy’amahoro. Barasaba kandi ko wa murwi ujejwe ukuri no kurekuriranirana CVR woshirwaho vuba kugira abateshejwe izabo bamenye igihano kizohabwa abakoze ubwicanyi bw’ihonyabwoko.

Bongera bagasaba ko hokorwa amatohoza akwiye adahengamye hama ubutungane bugafata abo bose bari bamaze iminsi baja gutera umudugararo muri iyo site. Barangiza bagira bati : "Nyakubahwa tubaye turabashimira ko mu giye gufata mu minwe ico kibazo kugira umutekano, amahoro n’ubuntu bigaruke muri iyo site."


Floxella Karire

Messages

  • none bapfunzwe atakosha bagirijwe?Naho bariko bariga biraboneka ko bahengamwe!icaha nigihanwe hanyuma bagumane amateka y’impunzi.Ariko niyo site mubakoze amarorerwa ntiyera naho dusangiye ubwoko!!

  • Mwibaza ko arimwe mwabuze mwenyene mu burundi,nibaza ko mwokwitwara muri ONU niba izi iyo genocide muvuga,seulement nuko mwomenyako abantu baguye muriyo site bishwe nabo ba deplacés nabo ntibari ibitungwa!inama nuko mworeka agatima k amacakubiri mukaza tukabana kumitumba,kuko ibintu vyarahindutse.mwemere mwanke abarundi tuzobana mumahoro.
    NB:va mu matongo ya murundi ,muje kuba muyanyu kuko nawe akeneye kuyakoresha!

  • abahutu ni 85% abatutsi ni 13% abatwa ni 2% aho hari muri 1985 ubu turi muri 2014 wasanga abatutsi hasigaye 10% nukuvugako rero urya yabishe aracariho nubu azabica kubera ntaho yagiye. ONU rero murayitabaza ariko itabara ibara ryamaze kugwa. Nimutirwanirira muzashira

  • Igiharuro ca Karikurubu cuko abahutu ari 85% abatutsi 13% abatwa 2% ngwariko abatutsi ngubu hobahasigaye 10% ngokubera bishwe muri 93 none washatse kugerakuki kutavuze ko abahutu bagabanutse bakava kugitigiri ca 85% kuberabobo bishwe kuvakera mu 72 kubandanya ninyuma ya 93 ? jewe ndumututsi ariko abantubameze nkawe baba nabahutu cankabatutsi ndetse nabatwa barambabaza kuko abantunkabo nibobateje amokoyiwacu kwicana arikubu turashimirimana ko abeshi mumokoyose yi Burundi badashobora kwongera gukora isha rinuka ryariryaratuzingamitse.

  • Abandika ivyiyumviro vyabo ngaha ndazi mwese mwirize,nabo bana bariko bariga zakaminuza buca bitwa incabwenge z’u Burundi ndagwara mu nda iyo numvise umuntu avuga ubwoko butaja ntibuze mu Burundi kandi muzi ko indyane zose zatubayeko ari abitwaje ubwoko baronderera inda zabo ukuri ni uko ivyamoko tuzi iyo vyavuye muri ya politique y’abakoroni ya "DIVISER POUR REGNER" kubandanya tubibamwo ni uko twoba tutazi iyo vyavuye.Nkabize turazi ko "en sciences sociales,une ethinie est definie comme un groupe humain ayant une seule couche commune(ou supposee telle),une langue ,un mode de vie,une culture,une histoire et un trritoire egalement commun".None ntitwova ibuzimu tukibuka ubwenge tukareka ubwo bujuju ko tuzi ko mu Burundi HARI UBWOKO BUMWE(UMURUNDI).

  • Xia ivyuvuze nivyiza, ariko abarundibose barazi kwarabarundi ibinavyovyamoko vyaramaze kutwinjirana kubikuraho ntibikenewe kurinda kuvyigisha birizana hariho igihugu natembereyemwo nsanga habayo abahutunabatutsi arikwicabaye nagizeguti uwonarinatembereye yari umututsi nkanje ariko hagezekumugoroba nyuma yoguterama turikumwe amokoyose nagizeguti numva wamututsi nkanje ambwiye ngo uyumugezanje niwafise ahantu Urara ngorero nimugende tuzosubira ejo nanje naratangaye ariko vyaranezeje kuko ivyonivyo navuze ko kwitwumurundi ntivyigishwa ikosha nuwokwigishabantu ngontabwokobuhari.

  • Xia yoba abantu bose bize bashishoza nkawe uburundi bwoteye imbere. Abarundi dukwiye kumenya ko ko ubwoko bwose bwishe ubundi muri kahise hama tukahakura icigwa. Nayo kuvuga ko abahutu babakoreye ihonyabwoko 1993 nibaza ko ari nkuko Umumaraya yobwira abantu ngo bareke gusambana!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.