Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kinshasa: Basaba kwubahiriza amategeko y’akazi kabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kinshasa: Basaba kwubahiriza amategeko y’akazi kabo

Kinshasa: Basaba kwubahiriza amategeko y’akazi kabo

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Abatwara vya biduga binini bija i Kinshasa, Matadi, Boma na Bobakorana bahagaritse akazi. Imvo ni ugufatwa nabi nabakoresha bituma haba amasanganya bagasanga ata n’inshumbusho baronka ya kazoza.

Kuva mu mwaka w’2007, bagiye barasaba ko agashahara kabo koduzwa n’ibindi vyobafasha kuronka ubuzima bwiza.
Bikamenyeshwa ko hari amasanganya menshi kuri iryo barabara Kinshasa -Boma –matadi. Iyo hagize uwupfa mw’isanganya bakabivuga mu mashirahamwe ategekanyiriza kazoza abakozi ntaco babafasha, n’abakoresha babo ntibabafasha. Bahisemwo guhagarika akazi mu gihe hari kontineri 7300 zirindiriye kuva ku kivuko ziza mu bisagara. Hamwe rero vyobandanya, ibintu bizobura ku masoko.

Abakoresha b’abo bakozi bavuga ko ako ari akajagari kuko babahemba amahera akwiye nk’uko umuyobozi ashinzwe intwaro muri Afritrans abishikiriza kuko hariho amahera yashizweho nk’urugezo kugira barihe abakozi. Niyo bakoresha nk’uko amategeko avuga ko abo bakozi bihenda namba babona umuti ari uguhagarika akazi.

Umushikirangaji w’akazi Modeste Bahati Lukwebo avuga ko azi ingene bafashwe nabi. Agiye kurabira hafi ico kibazo mu gutuma abaja kwiga neza ivyo abakozi basaba ko biciye mu mategeko kuko muri ico gisate hariho kurenga amategeko cane y’akazi bituma haba impanuka nyinshi zivuye ku kuruha cane kw’abatwara iyo miduga bituma basinzira canke inzara bituma haba gutakaza abantu n’ibintu vyinshi nk’uko yavyemeje. Agiye gusaba abahinga bavyige hanyuma bazofata ingingo zikenewe.


Gildas Ndihokubwayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.