Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Basaba Leta ko yobafasha mu guhingura inkono bisunze ibihe tugezemwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Basaba Leta ko yobafasha mu guhingura inkono bisunze ibihe tugezemwo

Basaba Leta ko yobafasha mu guhingura inkono bisunze ibihe tugezemwo

samedi 20 Mukakaro 2013

Umwuga wo kubumba inkono wari utunze abatwa bo mu Burundi mu myaka iheze, ariko ubu bavuga ko kubera iterambere, ubuhinga bw’iterambere bwaje bwo gutekesha amasafuriya inkono ntizikigurwa.

Abo banyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa bavuga ko ubu hari naho bashora inkono bagataha atazo badandaje. Inkono bashoye baziguza n’ibiharage, igitoke, ibijumbu, amateke n’ibindi. Abanyagihugu bahora baja kuvoma mu nkono canke bakazimburiramwo, ubu ngo vyaragabanutse, abavoma batwara ibidumu canke ibindi bikomeye, hageze kwimbura naho, bimburira mu magunira. Abatwa bavuga ko inkono zitozito zitakironka abaguzi, ahubwo ko ubu babumba zimwe bita intango, kuko bazengeramwo, izindi bakazitarika mwo inzoga.

Abanyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa basaba ko Leta yobafasha bagashobora guhingura ivyo bakora bikajana n’ibihe tugezemwo, ivyo kandi bizofasha abo banyagihugu bashobora gutungwa n’umwuga bavuga ko barazwe n’abasekuru. Bavuga ko batagira aho barima, ivyo bikazotuma inzara izohava ibica, kuko basuma ari ukwo bashoye inkono. Kurima kandi bavuga ko atavyo basanzwe banamenyereye cane, kuko kuva bakiri bato, usanga bagiye barigishwa n’abavyeyi babo kubumba inkono.

Mu guheraheza, bavuga ko imfungurwa zitetse mu nkono zitandukanye nizitetse mw’isafuruya. Bavuga kandi ko akanovera k’imfungurwa zitetse mu nkono usanga kameze neza ku ruta izo mw’isafuriya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.