IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Batandatu mu baserukira abanyeshure ba Kaminuza bapfungiwe muri (...)

Batandatu mu baserukira abanyeshure ba Kaminuza bapfungiwe muri BSR

dimanche 4 Rusama 2014

Abanyeshure baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi n’ishure nderabigisha ENS barengewe n’ikibazo c’itangwa ry’agafashanyo cabaye akayoberabahinga, gushika aho bamwe muribo bafatwa bagatabwa muri yompi. Batandatu muri abo baserukira abandi bapfungiwe muri BSR kuva ku munsi w’ejo kuwa gatandatu.

Mu gihe bari bavuye mu nama y’ukurabira hamwe uko bokwigenza inyuma y’aho umukuru w’igihugu Petero Nkuruziza amenyeshereje ko abaserukira abandi banyeshure aribo bagumura abandi kugira ntibasubire kw’ishure, batandatu muri abo, harimwo umukobwa umwe, baciye batabwa muri yompi bagisohoka ahabereye iyo nama, bakagiriza umwe muribo, Epitace Ndayambaje ko ariwe yahaye abakozi bo mw’igendereza izina ry’ikibanza iyo nama yariko iraberamwo. Abafashwe ni NDAYIZEYE Jean de Dieu, NIYONDIKO Claver, NIYONZIMA Circoncile, NIYONGENDAKO Donatien, MPONGERABANSI Mateso, RUZOBAVAKO Félicien. Amakuru twaronse ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa gatangatu, n’uko bose bapfungiwe muri BSR bagirizwa ko aribo bagumura abandi banyeshure kugira ntibitabe akamo ko gusubira kw’ishure inyuma y’ukwezi kurenga bari muri yegereyegere yatewe n’ingingo z’ugusubiramwo uko agafashanyo batangwa muri kaminuza ya Reta.

Abo banyeshure baserukira abandi bafashwe n’abantu bivugwa ko bakorera urwego rw’igendereza mu Burundi, n’aho ata mitahe bari bafise. Haravugwa n’ayandi mazina y’abandi bategekanwa gufatwa. Nk’uko yabisabwe n’umukuru w’igihugu, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi yaratanze isango ryo ku munsi w’ejo kuwa mbere kugira abanyeshure bose bazobe basubiriye gutangura ivyigwa. Mu kurindira ko iryo sango rigera, abanyeshure baserukira abandi bavuga ko bahisemwo kuja mu gacerere k’umwanya muto kugira barabe namba ako kamo abanyeshure bazokitaba aho bukera, kuko ari navyo bizokwerekana namba ivyo umukuru w’igihugu abagiriza ko bagumura abandi vyoba arivyo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Yoyoyo none bashatse gushika kuki??aho gutorera umuti ingorane bafitaniye nabanyeshure bafate abaserukira abandi babafunge??none wunva ejo bazohava basubira gutangura ivyirwa??itarabwoba ntaho rizoshikana ubutegetsi bwacu nibikebuke bibuke ko abo bana aribo kazoza kigihugu cacu nkaba ndangije nsaba ko abo banyeshure boguma bafatanye munda ntibasamazwe nabamwe bamwe bishakira inyungu zabo nka Epitace NDAYAMBAJE mumureke agende kwiga wenyene

  • Mbega abo banyeshure,ntibabona ko reta yabaye umuvyeyi mukubatezurira ibihano?kweri"UMWANA AREZWE NEZA ASOHORA AMABOKO"bari bakwiye gukanura bakabona,kuko kazoza kabo katari mukugarariza amategeko?Nibamenye ko bokwirinda guhendwa kandi bitwa ko baciye akenge,ahubwo bashire imbere ineza y’igihugu.

  • Wewe wiyise innocent nimba ibi ari wewe uvyiyandikiye urateye isoni! kandi ndaguhanure nimba uri muri leta,uze ushigikire iciyumviro kiri mu mugwi canke ahandi ariko uze wiyamirize akarwi kari kurushi karimwo nabigishijwe na leta ariko ubu bagwanya ivyo vyiza yabakoreye(1.Nkurunziza na karya kagwi kari,kari kurushi kamwegereye kandi kamubesha)

  • Yaaaa basaze!!mbe bibaza ko abarundi bategerezawa kwemera vyose bavuze kunguvu?abanyeshure nibaza bazoriha inzu iki?barye iki?etc ariko ikituvikana niki ?ariko iyo reta ishaka iki? 8 milliard nizo zikenesheje abarundi ?kuri Bgt 1456millliard .reka mwaba DD kwiha ibara muzoba mukoze ,mwibaza ko muri mana ncanke?rekaaaaaaaa DD

  • Nkuyu ngo ni innocent ahubwo nkekunwa itabi iyo leta uvuga koyabatezuriye ikanka gufuta iryotegeko ariwe mutego wibaza kobatabona iyobaja nkawe?ko leta yariho igihebiga abobiyita incabwenge nahatakiriyo akogafasha nyo ntibakaronka?kandi igihugu carimuntambara?nimugende asha iyintwaro tuzoyibukira kurivyinshi amayegereyegere nokuduza ibiciro ukoyigombeye no kuniga abobatavugarumwe iryoniterabwoba banyeshure mugumemufatanye munda kinokibazo sicubwoko canke imigambwe murabona nabarimuri dd namwe ntahomusoroma nikuniga nyarucari.

  • Abobanyeshure turabashimiye kukontakwobataribagize mukwerekana ko baribihagazeko kandi ukwihagararako kwabo kwaragize akamaro kuko muvyobasaba ibishika 80% barabirose, mwiyimyakarero tugezemwo ntivyoroshe ko wosaba ibintu ngubiroswe 100% ibirero simvuzeko mwosubirakwishure mukacamwirorera gukomeza guharanirako mwozoroswa ivyomusaba 100% ariko namba muvyukuri hakibaho kwumvira abagirinama abandi, gerageza musubire kwishure muzoba mukoreyeneza abavyeyi canke abarezi,nababanyi, cokimwe nigihugu.Kubabwirako abobariko barabima ivyomusaba ngokandibo mugihebiga barabironkeje,ivyontahovyobabitaniye nokubagumura koko nkajewe kera muza 70s nkigamumashure matomato, tugiyemwamuganga ntitwatondakumirongo, kandi umunyeshure ntamahera yatanga , ariko murabona konyumavyahindutse. Igikuru nukugumatumenyera cankekwamatwiteze ko ibintu ukovyaribimeze mugihe caheze canke mugihecaba sogokuru atariko bizobandanya bikorwa, Ikibazodufise ikigihe nuko ibintubikorwa bamwenabandi bakibaza ukobitari ahokwishiramwo ko ibintuvyiy’Isi bihindagurika, ahubwobakishiramwoko abategetsi bariko barabikora kubera babanka badashaka ko mwokwiga, mukibagira ko nabo nubwodukunzekuvugako abanababo babarungika mumashure yohanze, arikuzubwenge sukwowovuga kuko ntamukire atagira uwomumuryango akenye canke umubanyi akenye, numugenzi akenye. Icotuberaciza nukotwomenya ko ibintuvyahanomwisi bihindagurika ivyonivyo bizodufasha mukubaho twihanganye nomukwirinda kwihatirira kurondera ibidutera kubonako umutegetsi runaka itegeko risohokeyeko akaritangaza bidasigura ko ariciyumviro ciwe numugabo wiwe cankumugore wiwe nabana biwe baciyumviriye, twirinde kuvyiyumviragurtyo kuko ahobukera natwe turashingwamabanga mazedutangure kubona ivyotwiyumvira kubandi natwe bidushikiye. Banyeshure bokumakaminuza yompi ya reta mu Burundi ndabasavye nitonze nyabune subirekwishure! ibindababwiye ntimuvyitiranye niterabwoba nukombona ko gusubirakwishure ariho harikazozanziza gusumba ibindivyose, kuko gusubirakwishure nihohari itongo, urupangu, akazikeza mu Burundi canke mumakungu, wanashaka nogukosora ivyomuriko muribaza kobiriko birakorwanabi uyumusi, hakabamwo umugore/umugabo mwiza, nabana beza. Murakoze kunyumviriza.

  • NIBAKURE UNIVERSITES ZA LETA BAREKE KUTUBESHA..NONE KO BANLIRA AGREMENT IZIGENGA KUBERA INYUNGU ZA BAMWE N ABABDI////

  • Haaaaaa abo ba DD nibareke iterabwoba ahubwo aho baravyunyuye babafashe!! bahenda abanyagihugu ngo nineza yabanyagihugu kumbe arugushaka kwiyibira agafranga mbega ayo mategeko yabo yogukandamiza abanyagihugu bobo bavyigahehe? nibareke kwama bahenda abanyagihugu ngo bazi gutwara icobazi barazi kwica nogushahura amatungo yareta ntakindi zewe mbona bafate udufranga twabanyeshure bishikirije! nyomba biyumvira kwaribo bazi ubwenke bonyene. Akamo notera abo banyesure ndece nabarundi bagikunda igihugu cabo nibafatane munda twiyamirize akokagwi gato iyontwaro yabantu bari kurushi murakoze

  • Muzibe mwese mubona mujahehe ubungu leta yalivye utulila isoko utuli bank yigihugu mubona mujahe bababwi tora oya mulanka leba ayo mubonye

  • Nkuwu ngoni mama wa mu dd asha muragowe komuvuga kwaba dd muribenshi vyagenzegute kugira mwugare amashure ntimushiremwo zambonerakure kuyigamwo nabana banyu?ahantimubona kwabanyagihugu basanababakuyeko amaboko?banobanyeshure nabantu babagabo nibakomere nibindi bizoboneka Imana ibazigame mwigumye mufatane munda mubintwari nahabavyeyi banyu babahemukiye ngontawutunga yarahavye ipore niribi

  • Igihe cose ineza izokwama itsinda ikibi. Tushimiye abatugarukiyeko bose nabagize ico baterera bose kugira bibe biruko biri unomusi. Ariko uwogira icafashije yogerageza tugafashanye tukarwanira agateka babanyororo bo muri BSR: Ntaco baryamako kihari, ni hasi ntaco bifuka, ntaco barya babaha. Nibara gupfungirwa aharaho. Meci

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.