Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Batatu bahiganirwa ikibanza ca mbere bamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Batatu bahiganirwa ikibanza ca mbere bamenyekanye

Batatu bahiganirwa ikibanza ca mbere bamenyekanye

mardi 10 Kigarama 2013

Nk’uko benshi bavyibaza, Cristiano Ronaldo, Lionel Messi na Franck Ribery nibo basigaye bahiganirwa umupira w’inzahabu « Ballon d’Or ». Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru « FIFA »rizotanga uwo mupira kw’igenekerezo rya 13 Nzero 2014 i Zurich.

Mu mpera za Gitugutu, FIFA yaratangaje urutonde rw’abakinyi 23, bazotorwamwo uwuzohabwa umupira w’inzahabu « Ballon d’Or ». Urwego rwashizweho ngo ruhagararire amatora, rwatangaje abakinyi ba 3 basigaye. Ni Lionel Messi, amaze gutwara uwo mupira incuro zine, naho uno umwaka amagara atamworohereje, ni Franck Ribery yaronse ibitsindo vyinshi mu murwi wa Bayern de Munich hamwe na Cristiano Ronaldo yabaye kabambi mu kwinjiza ibitsindo vyinshi mu ci riheze.

cristiano Ronaldo

Mw’ihiganwa ryo gutora uwinjije igitsindo ciza uno mwaka, ihiganwa « Puskas Award » ryatoyemwo abakinyi batatu : hariho umukinyi Zlatan avuka mu gihugu ca Suede akinira umurwi wo mu Bufaransa Paris Saint Germain. Uwo yatowe kubera igitsindo ciza cane yinjije igihe, igihugu ciwe catana mu mitwe n’Ubwongereza. Nemanja Matic, imvukira yo muri Serbiya, akina mu murwi nserukira gihugu wabo, akina kandi mu murwi Benfica Lisbonne, nawe yatowe kubera igitsindo yinjije Benfika ikina n’umurwi wa Porto, hamwe Neymar Junior wo muri Bresil akina no muri FC Barcelone, nawe n’ico yinjije igihe igihugu ciwe cakina n’Ubuyapani.

Mu bagore, uwucunga urugo rw’umurwi w’abagore bakina umupira w’amaguru wo mu Bwongereza, Nadine Angerer, uwo mu gihugu ca Bresil yitwa Marta, na Abby Wambach wo muri Reta zunze ubumwe z’Ameriko nibo bariko bahiganirwa igikombe, Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru « FIFA », ryatangaje kandi abamenyereza bazoronswa agashimwe muri uno mwaka w’i 2013. Ku ruhande rw’abagabo, hatowe Sir Alex Ferguson (yahoze amenyereza umurwi wa Manchester United), Jupp Heynckes (yahoze amenyereza umurwi wa Bayern Munich) na Jurgen Klopp (wa Borussia Dortmund).

Nadine Angerer

Ku ruhande rw’abagore, ni Ralf Kellermann (amenyereza umurwi waWolfsburg) hamwe na Silvia Neid (amenyereza umurwi nserukira gihugu w’Ubudagi) na Pia Sundhage (amenyereza umurwi nserukira gihugu wa Suede).

1.Fyonda aho munsi wirabire ingene Zlatan yinjije

2. Aho munsi uca wibonera igitsindo kiriko giha amahigwe Nemanja Matic

3. Uwo nawe ni Neymar


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.