Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Batatu basigaye muri cumi hazotorwamwo umukinyi umwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Batatu basigaye muri cumi hazotorwamwo umukinyi umwe

Batatu basigaye muri cumi hazotorwamwo umukinyi umwe

mercredi 7 Myandagaro 2013

Abakinyi batatu nibo basigaye ku rutonde rwabatorwamwo uwuzohabwa agashimwe ka UEFA 2012-2013. Abo nabo ni Franck Ribéry, Cristiano Ronaldo na Lionel Messi. Izina ry’uwatowe rizomenyekana itarike 29 za kuno kwezi kwa Myandagaro.

JPEG - 19.9 ko
Franck Ribéry

Mu mazina 3 niho hagiye gurwamwo umukinyi yakinye neza mu mwaka 2012 ushira 2013 ku mugabane wa Buraya. Ayo mazina akaba yasohotse kuri uyu wa kabiri. Ayo nayo akaba ari aya: Franck Ribéry akina mu murwi wa Bayern Munich mu Budagi, Cristiano Ronaldo wo muri Real de Madrid muri Espagne hamwe na Lionel Messi wo muri FC Barcelone yo muri Espagne nyene. Muri bano akaba ariho hazovamwo umwe azoronka agashimwe ka UEFA gahabwa umukinyi mwiza yakinye neza ku mugabane wa Buraya. Uwatowe akazomenyekana igenekerezo rya 29 za kuno kwezi igihe hazoba hariko haratorwa uko imigwi izohura muri Ligue des Champions(ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu I wabo).

JPEG - 8.1 ko
cristiano Ronaldo
JPEG - 8.3 ko
Lionel Messi

Abo bakinyi bakaba batowe habanje kubazwa abamenyeshamakuru bakurikirana ivy’umupira w’amaguru. Ayo mazina akaba yatowe kandi humvirijwe abahinga muvyo umupira w’amaguru bava mu mashirahamwe atandukanye akorana n’ishirahamwe UEFA. Abo bakinyi bakaba batowe mu rutonde rw’abakinyi cumi bari batanzwe na UEFA.
Abandi ndwi bari kuri urwo rutonde bakaba ari aba bakurikira:

4. Robert Lewandowski ( Borussia Dortmund
5. Arjen Robben ( Bayern Munich)
6. Thomas Müller (Bayern Munich)
7. Gareth Bale (Tottenham)
8. Bastian Schweinsteiger (Bayern Munich)
9. Zlatan Ibrahimović ( PSG)
10. Robin van Persie (Manchester United), 24
Ako gashimwe katangujwe na Michel Platini haraheze imyaka 3. Kamaze guhabwa Lionel Messi mu 2011 hamwe na Andrés Iniesta mu 2012.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.