Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bayern Munich i Barcelone udafise Franck Ribery - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bayern Munich i Barcelone udafise Franck Ribery

Bayern Munich i Barcelone udafise Franck Ribery

mardi 5 Rusama 2015

Umurwi Bayern Munich wo mu Budagi wafashe urugendo uja muri Espanye,mu rukino ruzowuhuza na Fc Barcelone kuwa gatatu igenekerezo rya 6 Rusama, udatwaye umusatirizi wawo Franck Ribery.

Urwo rukino rwo gutangura rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma ruzobera ku kibuga c’umurwi Fc Barcelone Camp Nou. Uwundi mukinyi vyari vyitezwe ko atazokina ni Lewandowski avuka mu gihugu ca Polonye inyuma y’aho akomerekeye mu maso, mu rukino rwahuza umurwi wa Bayern n’umurwi wa Dortmund mu gikombe c’Ubudagi.

Ribery ntiyajanye n’abandi bakinyi kubera yakomeretse ku kuguru mu kwezi kwa gatatu. Matthias Sammer umuyobozi w’ubuhinga muri Bayern Munich yavuze ko Ribery adashobora kugaruka mu kibuga mu minsi ya vuba.

Umumenyereza Pep Guardiola azokina urwo rukino atari kumwe kandi na Arjen Robben nawe yakomerekeye mu nkino z’igikombe c’Ubudagi,David Alaba akina ku ruhande rw’inyuma hamwe na Holger Badstuber.

Urukino rutangura kuri uno wa kabiri ruhuza umurwi wa Juventus wo mu Butariyano hamwe na Real Madrid wo mu gihugu ca Espanye.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.