Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bayern yatahukanye igikombe yari imaze kubura incuro zibiri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bayern yatahukanye igikombe yari imaze kubura incuro zibiri (...)

Bayern yatahukanye igikombe yari imaze kubura incuro zibiri yikurikiranya

dimanche 26 Rusama 2013

Umurwi wo mu gihugu c’Ubudagi Bayern Munich niwo waraye utahukanye igikombe c’ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere ku rwego rwa Buraya, urukino rwabahuje mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu n’umurwi Borussia Dortmund nawo nyene wo mu gihugu c’Ubudagi.

Muri urwo rukino rwabereye ku kibuga « Wembley » co mu gihugu c’Ubwongereza, Bayern Munich niyo yatanguye gutsinda igitsindo ca mbere gitsinzwe n’umukinyi Mandzukic ku munota wa 60, gihava kigomborwa n’umukinyi Gundogan wa Borussia Dortmund kuri penaliti ku munota wa 67.

JPEG - 7.4 ko
Umukinyi Gundogan yatsinze penaliti yatanze igitsindo kimwe ca Borussia Dortmund

Haheze iminota 22 gusa, mu mwanya wa nyuma w’urukino, niho umukinyi Robben wa Bayern Munich yatsinda igitsindo ca kabiri, ari naco cahaye intsinzi umurwi wiwe, urukino ruca rurangira ari ibitsindo bibiri vya Bayern Munich kuri kimwe ca borussia Dortmund.

JPEG - 17.6 ko
Umukinyi Robben yinjije igitsindo cahaye intsinzi Bayern Munich

Tubibutse ko Bayern Munich itwaye ico gikombe inyuma yo kugarukira mu rukino rwa nyuma incuro zibiri yikurikiranya.

Iyo mirwi yompi, Bayern Munich na Borussia Dortmund yahuriye mu rukino rwa nyuma babanje gukuramwo imirwi rurangiranwa yo mu gihugu ca Espagne, FC Barcelona na Real Madrid.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.