IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bazorungikwa kwiga hanze hisunzwe ubwoko, intara n’ibitsina

Bazorungikwa kwiga hanze hisunzwe ubwoko, intara n’ibitsina

mercredi 19 Ruheshi 2013

Mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Ruheshi 2013, Ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza bwari buramutse batanga umuco kubijanye n’ukurungika abasanzwe bafasha abigisha abo bita assistan professeur.

Muri kaminuza y’Uburundi, kubandanya amashure mu makungu, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza yasiguye ko atari ukwica amatwi kwa Leta ahubwo ko ari uburyo buke ko na Leta ikineye incabwege narirya turiko twinjira mu buryo bushasha bwo gutunganya ivyigwa mu mashure.

Arabahumuriza rero kubera avugako umwanya wose uburyo buzobonekera bazorungikwa kubandanya ariko kandi akamenyesha ko batazorungikwa bose kuko hari ivyo bazokwisunga. Aho naho avuga nk’ubwoko, ibitsina intara, n’ibindi. Ariko rero ica mbere bazoraba n’ibisata biza imbere mu bukene bw’abigisha babinonosoye.
Ikindi yavuze n’ibijanye n’ukwegukira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu aho kuguma bwegukira ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza. Ku kibazo yabajijwe cerekeye abakozi b’ivyo bitaro ko boronka amategeko abagenga imbere y’uko vyegukira ubwo bushikiranganji bw’amagara y’abantu, amenyesha ko hashinzwe umurwi uriko uravyiga. Arabizeza ko ayo mategeko azoshirwaho.

Ikindi yagize ico avugako n’ibijanye n’igihe umwaka w’ishure uzotangurira akamenyesha ko habaye ingorane y’ubwinshi bw’abanyeshure kuko bashika ku 4000 hakaba habuze ibirasi bazokwigiramwo ubu naho bikaba biriko biraronderwa. Ikindi kandi kubera irya nteguro nshansha y’inyigisho bisaba abigisha babishoboye akaba yarangije abaremesha ko bagiye gutangura vuba naho atashimye kumenyesha igenekerezo nyakuri.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.