Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
BBN yamaze gufata ingingo yo gukingira abanyagihugu ku vyerekeye ya sukari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > BBN yamaze gufata ingingo yo gukingira abanyagihugu ku vyerekeye ya sukari (...)

BBN yamaze gufata ingingo yo gukingira abanyagihugu ku vyerekeye ya sukari ivugwa

mardi 24 Ruheshi 2014

Ikigo BBN kijejwe kugenzura akaranga k’ibidandazwa no gushinga amategeko abigenga vyaramaze gufata ingingo, mu gukingira abanyagihugu ku vyerekeye ibintu bimeze nk’isukari bimaze iminsi bivugwa ko vyoba bikoreshwa mu bitumbura n’imikate n’ibindi bihingurwa mw ‘ifu y’ingano.

BBN (Bureau Burundais de normalisation et du contrôle de la qualité) n’ikigo ca Reta cashinzwe mu mwaka w’1992 . Ico kigo kikaba kijejwe kugenzura akaranga k’ibidandazwa no gushinga amategeko abigenga (normes). Mu vyo ciyemeje hariho guteza imbere ibidandazwa bisohoka, bigenda hanze bifise akaranga , ugucungera ibidandazwa vyinjira mu gihugu ko bikwije akaranga hamwe no gukingira abaguzi , ibidukikije hamwe n’ubutunzi bw’igihugu. Ivyo vyose kugira babishikikeko, bakabanza gushinga amategeko, nk’uko bishikirizwa na Gerevasi Nzinahora ajejwe kumenyesha amakuru yerekeye akaranga k’ibidandazwa no gushinga amategeko abigenga muri ico kigo.

Agira ati : ’’Muri kino kigo turagenzura mu nyuma tukajana mu gisata kijejwe gupima akaranga k’ibidandazwa n’ivyuma vyabigenewe (laboratoire)’’. Eka ndetse harategekanijwe n’amategeko yo guhana uwo wese aba yarenze amategeko, aha aravuga itegeko nshikiranganji rijejwe gucungera akaranga k’ibidandazwa inimero 1/03 ryo kuwa 4 nzero 2011 , mu bihano bitegekanywa harimwo kugabisha biciye mu rwandiko, kubuza gusubira kudandaza ivyo bidandazwa , kubifata n’ibindi n’ibindi.
Mu gihe muri kino gihe hariko havugwa vyinshi ku vyerekeye isukari yoba iriko idandazwa mu kinyegero itazwi amamuko yayo, mu kigo BBN bamenyesha ko bamaze gufata ingingo zishoboka kugira bakingire abaguzi.

Mw ‘itangazo basohoye, barakebura abantu bose ko hari ikintu gisigaye gikoreshwa mu bitumbura n’imikate kitari isukari. Ibipimo vyakozwe vyerekanye ko ivyo bakoresha bisa n’isukari yera bikaba ata nyungu nimwe bizanira umubiri w’umuntu, nka kurya kw’isukari ihinguwe mu bikaju . Ivyo bipimo vyerekanye kandi ko ari ico bita gélatine mu rurimi rw’igifaransa bikomoka mu nyama n’amagufa y’inka n’ingurube, navyo bigakoreshwa mu guhingura imfungurwa zimwe zimwe. Ikigo BBN camenyesheje abantu bose ko bamwe mu bakora ibitumbura ko iyo Gélatine, iyo ihinguwe idakurikije amategeko ishobora kugira ubumara.

Gerevasi Nzinahora ,abandanya amenyesha ko bamaze kurungika abagenduzi kuraba mu mazu y’ubudandaji aho boba bariko bakoresha iyo sukari atari iyiva mu bikaju. Mu kigo BBN bavuga ko bamaze no gutangiriza ku mbibe abagenduzi baraba ivyo bidandazwa vyinjira.

Mu kigo BBN basaba abategetsi yaba abo mu ntara, muri komine no mu makaritiye, abajejwe umutekano hamwe n’akarere gutohoza amamuko y’iyo gélatine yo mu kinyegero. Basaba ko bobafasha guhagarika ivyo bintu, kuko batovyishoboza bonyene mu gihe bafise abagenduzi bake mu gihugu, imyenge ishobora gucamwo ibidandazwa vy’amagendu ari myinshi. Ku rubibe rw’i Kobero akaba ariho honyene, hari abakozi ba BBN nk’uko Gerevasi Nzinahora abimenyesha. Basaba ko uwo wese yobona ikintu kibangamiye amagara y’abantu kubimenyesha, ico kigo kuko bafise ubuhinga bwo gusuzuma.

Ikigo BBN kikaba cemereye abantu bose ko bazomenyeshwa ibizoba vyavuye muri ayo matohoza yerekeye iyo sukari.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.