Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ben Laden: Inyandiko yasize zaratowe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ben Laden: Inyandiko yasize zaratowe

Ben Laden: Inyandiko yasize zaratowe

mercredi 23 Nzero 2013

Inyandiko zasizwe na Ben Laden inyuma y’igitero cagizwe mu nzu yari yahungiyemwo I Abbottabad ziherutse gutorwa.

Inyuma y’ibitero vyagizwe n’abasoda b’abanyamerika ku nzu Ben Laden yari yahungiyemwo bikongera bikamuhitana akitaba Imana,abagabo babiri muvyo kugerageza Roland Jacquard na Atmane Tazaghart bemeje ko batoye zimwe mu nyandiko yasize.

JPEG - 38.4 ko

Mw’ireresi ( Film) ya Kathryn Bigelow, arerekana abo bagabo babiri bariko bararondera bihuta mu biro vyahoze ari ivya Ben Laden,bongera bashira ivyo baronse mu masaho.Mu gihe bariko bandika igitabo ciswe Les Derniers Secrets de Ben Laden, bisigura ngo amabanga ya nyuma ya Ben Laden,Roland Jacquard na Atmane Tazaghart bemeje ko biteguriye kubishira ahabo muri ico gitabo kizoshirwa ahabona hagati y’impera z’ukwezi kwa Ntwarante n’intango y’ukwezi kwa Ndamukiza na Jean Piccolec.

Nkuko Roland Jacquard yabimenyesheje, ngo izo nyandiko ntizivuga ku bijanye n’ibikorwa vy’iterabwoba vya Al-Qaïda ariko zivuga ku bijanye n’ubuzima busanzwe.Muri ivyo rero harimwo ivyese Ben Laden yagomba kurungikira umugore ava mu gihugu ca Palestina yo hakabamwo kandi amakete 200 avuga k’ubuzima bwa Ben Laden.

Nkuko Roland abandanya abishikiriza, ngo kuva Ben Laden ahungiye muri Pakistani ntiyigeze areka gutumatumanako amakuru kuko hari amakete yaguma arungikwa ava mu biro kwa Ben Laden.
Ben Laden


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.