Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Benghazi : Intambara ziriko ziraba kuva mu gatondo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Benghazi : Intambara ziriko ziraba kuva mu gatondo

Benghazi : Intambara ziriko ziraba kuva mu gatondo

samedi 15 Ruheshi 2013

Mu gisagara ca Benghazi, ingwano ziriko zihuza abasirikare b’igihugu hamwe n’abari mu myiyerekano muri ico gisagara, izo ngwano zimaze guhitana abasirikare batanu n’abandi babiri bakomeretse kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruheshi 2013.

Nk’uko amakuru ava mu basirikare bari ku rugamba aho mugihugu ca Libiya, bavuga ko hari igihe c’isaha 11 z’ubucagucagu, aho baja bumva ibirwanisho vya rutura biriko biterwa ku birindiro vyabo hafi y’igisagara, muri ako kanya nyene bavuga ko abasirikare babo batatu baciye bitaba Imana. Ariko rero ababibonye bari hafi, bavuga ko ico gitigiri kirenga na burya hari uwundi yaje yari mu myiyerekano, maze aca muryahumye abasirikare b’igihugu aca yica abandi babiri.

Abo basirikare rero baremeza rwose ko hakoreshejwe ibirwanisho vya rutura muri iyo mirwano, navyo bikaba vaykoreshejwe n’abateye ku birindiro vy’abapolisi, n’ivyigisirikare. Bavuga ko hakoreshejwe nk’ama rokete, n’ibindi birwanisho vya rutura bisanzwe bitarekuwe n’amategeko gukoreshwa mu banyagihugu. Ivyo rero bishitse mu gihe inyuma y’iyinga imwe gusa, abantu bashika 30 bahasize ubuzima, hamwe n’abandi 100 bakomeretse cane mu gihe abari mu myiyerekano, bateye abajejwe umutekano, bariko babirukana muri ico gisagara.

Umukuru w’ibiro bikuru vy’abasirikare w’imfatakibanza aho muri Libiya, avuga ko iterwa ry’abasirikare aho i Benghazi rishobora gukwega akarambaraye mu gihugu cose, ndetse n’amaraso ashobora guseseka nk’uko abandanya abivuga. Salem al Aseema avuga kandi ko abo bari mu myiyerekano ari intagondwa kandi batazwi gushika ubu, ati namba hari ico basaba, bokwitura Leta bakavugana.

Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare aremeza ko yasavye abasirikare kuba baravuye muri ico kibanza barwaniyemwo, narirya n’imiduga ibiri yabo ija yaturiwe n’abari mu myiyerekano.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.