Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bike vy’ umuhezagiro bigwa neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bike vy’ umuhezagiro bigwa neza

Bike vy’ umuhezagiro bigwa neza

vendredi 18 Nzero 2013

Kur iyisi tubako hari ico nabonve, burya mubiriho vyose amahoro niyo ya mbere kuko umukene afise amahoro aruta cane umutunzi atayafise, aha rero niho baherako bavuga bati: “duke turimwo umuhezagiro turuta vyinshi birimwo ingorane canke bati “uduke turimwo amahoro turuta vyinshi birimwo intambara.

Uwguha gutwara iyisi ugatunga ugatunganirwa atamahoro wosanga vyose ari ubusa canke uwoguha ivyo kurya nivyo kunywa vyose ushaka ariko ukabirya ubitamwo amosozi kubera kubura amahoro nukuri ivyo vyose ntaco wosanga bikumariye.Aha rero butara ha kugira vyinshi utironkeye wakuye busuma canke muzindi nzira

zidasobanutse wopfuma basi ugira duke twawe wironkeye kuko nitwo tuguha amahoro. Jewe burya umwami salomo naramukunze cane aho uhoraho yaramubwiye ati “nasabe ico ashaka cose arakimuha salomo araraba asanga ko ufise amahoro nubutunzi buraza nuko aca bugufi yisabira ubwenge bwo soko y’amahoro maze uhoraho abumuhana n’ibindi vyose atasavye.

Nawe rero za unezererwa na duke twawe kuko nimba tuguhesheje amahoro turaruta cane ivyinshi vy’abandi naho guhangayika ngo ushaka kumera nka naka ntibizokubuze amahoro kuko akubwive ingene aba ahangayitse urashobora kubona ahubwo umuruta cane.

Nico gituma umuntu wese akwiriye kugukunda amahoro akarwanya yivuye imunyuma uwariwe wese yoshaka kuyahungabanva ubona ko n’Imana ivuga iti mugire umwete wo kubana n’abantu bose mu mahoro .


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.