Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bill Gates aza ubwa mbere ku rutonde rw’abatunzi bo mu mwaka w’2013 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bill Gates aza ubwa mbere ku rutonde rw’abatunzi bo mu mwaka w’2013

Bill Gates aza ubwa mbere ku rutonde rw’abatunzi bo mu mwaka w’2013

samedi 4 Nzero 2014

Urutonde rw’abantu 300 bantuze kuruta mu mwaka w’i 2013 rwarasohotse. Amafaranga agera ku miliyaridi 3.700 z’amadorari niyo bose bafise bayateranije. Ayo mahera yiyongereyeko imiliyaridi 524 z’amadoari k’ubutunzi bwabo mu mwaka w’i 2012. Ivyo ni ivyirwa vyakozwe na Bloomberg.

Uwuri kwisonga rw’urutonde ni Bill Gates, uwo ni uwatoye « Microsoft ». Ico kibanza cahoramwo uwitwa Carlos Slim, ubutunzi bwa Gates bwiyongereye amahera angana imiliyaridi 15,7 ni kuvuga ko yaciye agira imiliyaridi 78,5 z’amadorari. Bill gates yavuze ati :" kuvuka ukenye si ikosa ryawe, ariko gupfa ukenye ni ikosa kuri wewe".

JPEG - 407.7 ko
Bill Gates

Uwuza ubwa kabiri kuri urwo rutonde ni umurwizatunga yikorera ivyiwe ava mu gihugu ca Mexique, uwo nawe afise imiliyaridi 73,8 vy’amadorari, ubutunzi bwiwe bwagabanutse umuliyaridi 1,4 ku yo yarafise mu mwaka w’i 2012. Muri batatu ba mbere, uwuza ubwa gatatu ni uwashinze Inditex hamwe na Amancio Ortega afise imiliyaridi 66,7 z’amadorari uwo nawe ubutunzi bwiwe bwiyongereye amahera angana imiliyaridi 8,7.

Bloomberg imenyesha ko hariko hakorwa amatohoza y‘abandi batunzi bashika 109 bo muri uno mwaka. Muri abo bashasha harimwo umuyabaga w’umunyamerikakazi yitwa Lynsie Torres, Lynsie ni samuragwa w’uburiro « In-N-Out Burger ».

JPEG - 141.7 ko
Lynsie torres

Urwo rutonde rwarakozwe no mu gihugu c’Ubufaransa, aho naho Liliane Bettencourt niwe aza ubwa mbere mu batunzi karuhariwe muri ico gihugu. Liliane afise ikibanza ca 15 baravye abatunzi ba mbere kw’isi yose, amahera angana imiliyaridi 34,1 z’amadorari ni yo atekeye. Muri ayo matohoza, basanze ubutunzi bwiwe bwiyongerako ibice 11%.

JPEG - 82.9 ko
Liliane Bettencourt

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.