Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bimwe mu bihugu bizokinira igikombe c’isi mu mupira w’amaguru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bimwe mu bihugu bizokinira igikombe c’isi mu mupira w’amaguru (...)

Bimwe mu bihugu bizokinira igikombe c’isi mu mupira w’amaguru 2014

mardi 15 Gitugutu 2013

Hari imirwi nserukira bihugu imaze kumenyekana ko izoja guhiganirwa igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru rizobera mu gihugu ca Brésil mu mwaka 2014.

Iyo nayo n’imirwi iserukira ibihugu nka: Australia, Irani, Ubuyapani, Koreya y’ Epfo, Ububirigi, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuholande, Ubuswise, igihugu ca Costa Rica, Leta Zunzubumwe z’Amerika, Argentina, Colombia, Brézil ari naho izo nkino zizobera. Ariko rero haracari ibibanza 18 vyo guhiganirwa.

Tubibutseko ko ku muhingamo w’uno munsi w’igenekerezo rya 15 Gitugutu isaha zitatu z’ijoro (21h), umurwi nserukira gihugu w’ubufaransa ufise umumenyereza Didier Deschamps uza gutana mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Finlande ufise umumenyereza Mika Paatelainien.

Ku bijanye n’urwo rukino umumenyereza Mika Paatelainien wa Finlande asa n’uwutiteze intsinzi ko avuga ko kuva aho agiriye muri uwo murwi muri Ndamukiza umwaka w’ 2011 yasanze utiteguriye kuja mu mahiganwa akomakomeye, ko rero vyo musaba kuwuhindura wose. Amenyesha ko ariko yitegurira igikombe co mu 2016. Lucas Hradecky asamira Finlande ahava atoroherezwa na Franc Ribery igihangange mu kwinjiza mu murwi nserukira gihugu w’Ubufaransa.

Ku rundi ruhande Didier Deschamps asa n’uwubona intsinzi aho yamaze no gupanga abakinyi biwe, aha twovuga nka Raphael Varane yaramaze amezi 5 arwaye igikomere, Sakho akina mu murwi wa Liverpool n’umukangara Eliaquim Mangala bakina inyuma, ariko rero ntiyosya bwose na rirya abafaransa asa nabakuye icize ku murwi nserikira gihugu wabo.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.