Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bimwe mu bituma umuntu akunda umubiri wiwe uko uri (Igice ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bimwe mu bituma umuntu akunda umubiri wiwe uko uri (Igice ca (...)

Bimwe mu bituma umuntu akunda umubiri wiwe uko uri (Igice ca mbere)

lundi 23 Ruheshi 2014

Abakenyezi n’abigeme bari mu babangamiwe kurusha abandi n’ingorane y’ihindagurika ry’umubiri, aho usanga baguma bakurikirana uko umubiri wabo umeze n’ingene uteye.

Mu bica vyibonekeza nuko iyo hagize ico badashima kuri bo, ku mubiri wabo, ntibasubira kwikwiyemera (S’accepter) canke gukunda umubiri wabo (S’apprécier).
Umurongo ngurukanabumenyi Selection.ca warageregaje kwerekana bimwe mu vyatanzwe n’abashakashatsi mu bijanye n’amagara meza vyokorwa kugira umuntu wese, ashobore gukunda umubiri wiwe kugira ashobore no kugira ukwiymeera muri we (Confiance).

1) Gushira imbere amagara meza

Mu bituma umuntu agira amagara meza, harimwo, gufungura neza, kuryama neza, kunywa amazi menshi hamwe no kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi. Ivyo bikaba biri no mu bituma umuntu agira umubiri mwiza, kandi uremvye agaheza agakunda umubiri wiwe uko uri.

2) Kutigereranya n’abandi

Bihanuwe ko umuntu yoreka kuza arigereranya n’abandi mu kwipfuza kumera uko uwundi ameze canke uko ateye. Ni ngombwa ko umuntu wese yo kwiyumva neza mu mubiri wiwe, akigirira icizere c’ingene amaze (Confiance en lui). Abashakashatsi mu bijanye n’inyifato, bavuga ko, iyo umuntu yikunze uko ari, ukibona uko yashaka kumera, buke buke agenda arasa kurya nyene yaravyipfuza.

3) Kureka kwiraba mu buryo butaribwo

Isanamu canke icirore, rimwe na rimwe birakanga umuntu, bikamwereka igicapo ciwe kitarico. Igitangaje, ni ukungene amasanamu ariyo yemerwa kurusha uko umuntu yoba yiyizi. Nk’akarorero, iyo umuntu aravye isanamu y’umuntu yari yipfuje gusa nawe, agaca yiraba nawe, akobona ntibasa, aca atangura kwiyanka. Bahanura
umuntu wese kwikunda uko nyene ataravye abandi.

4) Ubuzima ntibuhinduka naho umubiri wosa uko umuntu atari abigomba

Uko umuntu asa, sivyo vyerekana uko umuntu agiye kuzobaho. Ikindi naco, umuryango, akazi, canke abagenzi ntibahinduka ngo nuko umuntu asa uko ataravyipfuza. Vyiza n’ukwiyemera uko nyene uba asa.

5) Ubwiza ndenzarugero ntibubaho (Perfection)

Umuntu naho yogerageza kuronka ico yari yipfuza, ntazigera ashimishwa nivyo afise. Azokwama arondera ico atararonka mu buzima bwiwe. Nk’akarorero, abafise umushatsi udakura, bashobora kugira uburyo bwose bakawuronka, ariko inyuma yaho bazipfuza kandi n’ibindi batagira. Ni vyiza gushimishwa n’ivyo umuntu afise.

Igice ca kabiri c’iyi nkuru mukazogikurikirana mu nkuru yacu yo hanyuma.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.