Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bimwe muri bikuru bikuru vyaranze inkino mu Burundi mu mwaka w’i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Bimwe muri bikuru bikuru vyaranze inkino mu Burundi mu mwaka w’i (...)

Bimwe muri bikuru bikuru vyaranze inkino mu Burundi mu mwaka w’i 2014

mardi 30 Kigarama 2014

Igisata c’inkino mu Burundi kirangije umwaka w’2014 hari ivyagenze neza n’ivyagenze nabi. Turaca ku mayange y’ivyiza vyabonetse n’ibitagenze muri ico gisata mu nkino mpuzamakungu Uburundi bwitavye.

1) Mu nkino z’umupira w’amaguru (Football)

JPEG - 49.3 ko
Umukinyi Ndikumana Yamini Selemani

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba warashitse mu mahiganwa ya CHAN 2014 yabereye muri Afrika y’Epfo. Mw’itsinda rya 4 Uburundi bwarimwo bwaronse amanota 4/9. Bwatsinze igihugu ca Mauritanie, bunganya na Gabon, ariko butsindwa na RDC. Umukinyi Ndikumana Selemanie yavyifashemwo neza mu gutsinda bibiri mu nkino zitatu yahavuye aronka amahigwe yo kugurwa mu mirwi yo hanze.

2) Mu rukino rw’umupira w’amaboko Basketball

Urukino rwa Basketball ntirworohewe muri uno mwaka w’2014 ugiye kurangira, bidatumwe n’uko badashoboye ariko kubera ubukene bw’amahera. Umurwi nserukira gihugu warasivye inkino zabereye mu Buganda kubera ikibazo c’amahera. Ari naho Uburundi bwacirwa ihadabu ringana imiriyoni 28 z’amadorari. Umurwi w’Urunani waratahukanye igikombe i Mombasa muri Kenya mw’ihiganwa ryahuje imirwi yabaye iya mbere iwabo, naho biri uko, uwo murwi nyene ntiwashoboye guserukira akarere ka gatanu wakuyemwo ico gikombe mu nkino zo ku rwego rw’Afrika kubera ubukene bw’amahera.

3) Umupira w’amaboko Tenis(Junior)

JPEG - 72.3 ko
IRADUKUNDA Guy Orly


- IRADUKUNDA Guy Orly afise ikibanza ca kabiri muri Afrika. Uwo mwana ariko agira imyimenyerezo muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika.

- Sada Nahimana yatsinze ihiganwa ku rwego rw’Afrika ry’abatarenza imyaka 14 ryabereye i Nairobi muri Kenya.

4) Urukino rwa Judot

Umwigeme Signoline KANYAMUNEZA yatahukanye umudari w’ifeza mu batarenza ibiro 48 mu mahiganwa yo ku rwego rw’Afrika yabereye i Tunis muri Tuniziya.

JPEG - 110.1 ko
Signoline Kanyamuneza

5) Urukino rw’amaboko Voley Beach

Inkino zabereye i Accra muri Ghana, Uburundi bwaserukiwe n’imisore NIYONGABO Fiston na NDAYISHIMIYE Bosco. Abo batahukanye ikibanza ca 3 maze baronka uburenganzira bwo kwitaba inkino mpuzamakungu z’i Nanjing mu Bushinwa.

JPEG - 42.7 ko
I bubamfu: Ndayishimiye Bosco na Niyongabo Fiston

6) Mu mahiganwa yo gusiganwa( Atletisme)

Abanonotsi Thierry NDIKUMWENAYO na NAHIMANA Cavarine batahukanye ibibanza vya gatatu mu mahiganwa yo ku rwego rw’Afrika yabereye i Gaborone muri Botswana mu metero 3000 (3000m). Mu kwezi kwa Myandagaro 2014, mu nkino mpuzamakungu zabereye i Najing mu Bushinwa, Thierry NDIKUMWENAYO yatwaye ikibanza ca kabiri ku metero 3000 atwara umudari w’ifeza na Amedee Nahimana yatwaye umudari w’ifeza mu metero 100 biruka bisubiriza ari abahiganwa umunani.

JPEG - 68.4 ko
NAHIMANA Cavaline na Thierry Ndikumwenayo

Mwomenya ko Lydia NSEKERA yatowe mw’ihuriro ry’amakomite y’ibihugu araba ivy’inkino hari mu matora yabereye i Bankook muri Thailand. Tharcisse Hatungimana nawe yatowe muri komite y’abamenyeshamakuru b’inkino igizwe na batandatu, akaba ari wenyene yatowe muri Afrika nzima, abandi bava mu bihugu vy’Ububirigi, Ubugiriki, Reta Zunze Ubumwe z’Amerika mu matora yabereye i Monaco mu Bufaransa.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.