Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bimwe muvyaranguwe mu bushikiranganji bw’ibidukikije vyashizwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Bimwe muvyaranguwe mu bushikiranganji bw’ibidukikije vyashizwe (...)

Bimwe muvyaranguwe mu bushikiranganji bw’ibidukikije vyashizwe ahabona

vendredi 3 Nzero 2014

Amafaranga agera ku bice 99 kw’ijana n’iyo yakoreshejwe mu mwaka w’2013 ku mafaranga yaragenewe gukoreshwa n’ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, amatongo no gutunganya ibisagara.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 3 Nzero 2014, Jean-Claude Nduwayo, umushikiranganji w’amazi, ibidukikije, amatongo no gutunganya ibisagara yamenyesheje ko bashimishijwe n’ibikorwa bitari bike vyaranguwe mu mwaka w’2013 ku vyari bitegekanijwe ku rutonde rw’ibikorwa mu bisata bigera kuri cumi bigize ubwo bushikiranganji.

Jean Claude Nduwayo umushikiranganji w'ibidukikije

Muri bimwe bikuru bikuru vyaranze ubwo bushikiranganji, mu mugambi wo gutunganiriza abenegihugu uburaro bwiza, harashoboye gutegurwa ibibanza vyo kwubakamwo bigera ku 12 437 mu mihingo 24 yo mu gihugu, ikigega kijejwe gutanga ingurane z’uburaro kiratanga amafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi 15 595 704 990 yaguranwe abanywanyi bangana n’1223.

Mu ntumbero yo gukingira isi inkukura hamwe no guhangana n’ihindagurika ry’ibihe, haratewe imivyaro y’ibiti bigera ku miriyoni 3 550 000 ku buringanire bungana n’ibihumbi bibiri mu ntara za Bururi, Rutana na Karusi. Hongera haranatunganywa n’utubarabara dufise uburebure bugera ku birometero 571 dufasha gushikira ahari indimo kandi tukagabanya umuvuduko w’amazi.

Mu gisata c’amatongo mu mwaka w’2013, harasubijwe mu minwe ya Reta amatongo agera kw’122. Mu ntumbero yo kwubahiriza ibidukikije, haratunganijwe kandi hongera harirwa ivyirwa bijanye n’iyubahirizwa ry’ibidukikije. Mu bijanye n’igenzura n’igendereza ry’ibihe n’ikirere naho, harashizweho uburyo burashe bwo guhanahana ibiharuro vy’ukuntu ibihe bihindagurika ku munsi ku munsi mu mihingo itandukanye igera kuri 21 y’igihugu. Eka mbere n’ibiganiro bitandukanye birenga ku 300 bijanye n’ibidukikije vyashikirijwe n’ibinyamakuru bigera kuri 15 bikorera mu Burundi.
Amafaranga yinjiye mu kigega ca Reta biciye muri ubwo bushikiranganji akaba agera ku miriyoni 679 254 763 y’amafaranga y’amarundi.

Bamwe mu bamenyeshamakuru

Ubushikiranganji bw’ibidukikije bukaba bwamenyesheje ko muri uno mwaka w’2014 bagiye kuzosozera ibikorwa bitari bwahere neza bwongere bushire mu ngiro imigambi bwateguye kurangura izorushirizaho guteza imbere igisata c’amazi, ibidukikije, amatongo no gutunganya ibisagara.

Mwomenya ko mu bisata bikuru bikuru bigize ubwo bushikaranganji, hari igisata co gutunganya ibisagara n’uburaro, ic’amatongo, amashamba n’ibidukikije, amazi n’isuku, igisata kigendereza ibihe, igisata kigenzura amashamba cimeza no kwubahiriza ibigo bikingiwe hamwe n’ibisata bitunganya amatongo yo kubamwo.

Bamwe mu bamenyeshamakuru

Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.