Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Birababaje kubona ibibuga bitarahera kwubakwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Birababaje kubona ibibuga bitarahera kwubakwa

Birababaje kubona ibibuga bitarahera kwubakwa

lundi 27 Nzero 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA rirajwe ishinga n’ibibuga bitaraheza kwubakwa mu gihugu ca Brésil kandi amahiganwa mpuzamakungu y’igikombe c’isi 2014 yegereje.

Mu rugendo yagize mu gihugu ca Brésil, Jérôme Valcke, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FIFA, yaguye mu mazi asanze hari ibibuga bitarahera kwubakwa mu gihe hasigaye munsi y’amezi 5 ngo inkino zitangure. Jérôme yasanze ikibuga c’i Curitiba kitaraganya guhera maze aca afata ingingo ko igisagara kirimwo ico kibuga cokurwa ku rutonde rw’ibisagara bizokwakira ingenzi zizoja kurorera amahiganwa. Yarabandanije agenda agana ku kibuga ca Mane-Garrincha, aho yasanze umusezero «Pelouse» ushaje, yaciye asaba ko vuba cane ico kibuga cosubirwamwo. Muri urwo rugendo nyene, uwo mutegetsi yakubitiye mu buraruko bwa Brésil, yasanze ikibuga ca Natal caraheze gutegurwa, maze aronka icizere. Akubitiye ku kibuga c’i Arena Corinthians, yasanze ibikorwa atari ikirenga. Icamubabaje n’uko ico kibuga nyene arico kizokinirwako urukino rwa mbere, hazoba ari kw’igenekerezo rya 12 Ruheshi 2014. Ivyo biri uko mu gihe ibibuga vyose vyobaye vyahejeje kwubakwa kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2013.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Brésil, José Maria Marin yararemesheje uwo mushitsi, amwemerera ko hagiye gukoreshwa inguvu zishoboka kugira hagati mu kwezi kwa Ndamukiza 2014 ivyo bibuga bizobe vyaheze.

Jérôme Valcke azosubira muri Brésil kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2014, yipfuza ko yosanga na none ivyo bibuga vyaheze kwubakwa.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.