Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Biriwe barasengera Mandela muri Afrika y’Epfo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Biriwe barasengera Mandela muri Afrika y’Epfo

Biriwe barasengera Mandela muri Afrika y’Epfo

dimanche 9 Ruheshi 2013

Havuzwe ibisabisho mu masengero yo muri Afrika y’epfo basabira Nelson Mandela ngo akire uburwayi bw’amahaha bwasubiriye kumufata.

Abajejwe intwaro bavuze ko Mandela w’imyaka mirongo icenda n’ine, ahema atangorane, ariko aracaremvye aho ari mu bitaro yinjiye ejo kuwa Gatandatu igenekerezo rya 8 Ruheshi 2013.

Umukuru w’igihugu Jacob Zuma yavuze ko azoja gusuhuza Mandela abaganga nibabimwemerera. Ni ubugira gatatu Mandela asubiye kuremba muri iyi minsi. Mandela abonwa nk’umuvyeyi wa Afrika y’epfo kubera yakuye intwaro ivangura ya apartheid. Yatanguye kuguma arwaragurika muri aya mezi atandatu aheze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.