Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Birmaniya: Umunsi mukuru w’umwaka mushasha warahimbajwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Birmaniya: Umunsi mukuru w’umwaka mushasha warahimbajwe

Birmaniya: Umunsi mukuru w’umwaka mushasha warahimbajwe

mardi 1er Nzero 2013

Igihugu ca New Zeland na Australie vyaramaze guhimbaza umwaka mushasha wa 2013 ivyo navyo ntakindi vyavuyeko atari uko bari imbere mu masaha.

Mu gihugu ca Birmanie naho umunsi mukuru w’umwaka mushasha warahimbajwe ku ncuro ya mbere bikaba vyaranzwe n’ibirori vyinshi. Ivyo rero bikaba vyerekana ko muri ico gihugu abanyapolitike bariko barorohereza abanyagihugu mu buzima bwa minsi yose.

Muri ico gihugu rero mu gihe hari intwaro ya gisirikare,hari amategeko abuza abantu guhurira ahantu hamwe ari benshi,ariko kubwo uwo munsi abantu bahuriye hamwe mu gisagara ca Rangoon kugira bahimbaze uwo munsi w’umwaka mushasha.

Mu gihugu c’UBuhindi hoho,igisirikare casabwe kudahimbaza uwo munsi mu ntumbero yo kwibuka umwigeme w’imyaka 23 aheruka kwitaba Imana afashwe ku nguvu n’akarwi k’abagabo ari muri bus ku murwa mukuru w’UBuhindi I Delhi.

Umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi m’UBuhindi Sonia Gandhi nawe yamenyeshejeko bataza guhimbaza uwo munsi mukuru kubera uwo mwigeme.

Twobabwirako n’amahoteri n’utubare twinsi twamaze kwanka kwakira abantu bari bashatse guhimbariza iminsi mikuru muritwo mu ntumbero yo kwibuka uwo mwigeme.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.