Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Blaise Compaoré yahungiye muri Côte d’Ivoire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Blaise Compaoré yahungiye muri Côte d’Ivoire

Blaise Compaoré yahungiye muri Côte d’Ivoire

dimanche 2 Munyonyo 2014

Blaise Compaoré yahora ari umukuru w’igihugu ca Burkina Faso ageze mu buhungiro muri Côte d’Ivoire i Yamoussoukro.

Amakuru ava kinyamakuru Jeuneafrique amenyesha ko Blaise Compaoré yavuye ku kirimba ci kosyam , i Οuagadougou , ku muhingamo wo ku munsi wa gatanu , mu mwanya nyene itangazo ryavuga ko atanze imihoho ryari ko rica ku mboneshakure, abasanzwe bamwegereye bemeza ko yagiye agana inzira ija ahitwa m Pô mu Bumanuko bw’igihugu.

Ariko amakuru y’abasanzwe bamwegereye basigura ko Blaise Compaoré atigeze ashika aho i Pô . Ahubwo yaciye aca mw’ishamba imbere y’uko ashika i Nobere , ku birometero 45 kugira ushike aho i Pô. Isinzi ry’abanyagihugu bari bamurindiririyeho ariko abasanzwe bamucungerera umutekano bashimye kudatana mu mItwe n’abo banyagihugu.

Ariko rero amakuru avuga ko Blaise Compaoré yaguma avugana ku mwanya ku mwanya na mugenzi we Alassane Ouattara, niho kuca barindirira ahantu ata mazu ahari kajugujugu yarungitswe na Alassane Ouattara .

I Yamoussoukro niho abategetsi bo muri Côte d’ Ivoire baciye batwara kunyegeza Blaise Compaoré, ivyo Blaise Compaoré yemera nk’uko ikinyamakuru Jeuneafrique kibimenyesha. Umupfasoni wa Blaise Compaoré na wenyene ari kumwe mu buhungiro n’umushingantahe wiwe . Franḉois Compaoré asanzwe avukana na Blaise Compaoré na wenyene ari i Yamoussoukro,yari yagerageje guhunga ava Burkina faso n’indege kuwa 30 Gitugutu ,imbere y’uko ahagarikwa ku kibuga c’indege.

No mu gihugu ca Côte d ‘Ivoire ibiro vy’umukuru w’igihugu biremeza ko Blaise Compaoré yahungiye muri ico gihugu nk’uko biri mw’itangazo basohoye kuri uno wa gatandatu.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.