Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
BMW yabaye iya mbere mu bwoko bw’imiduga bukomeye kw’isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > BMW yabaye iya mbere mu bwoko bw’imiduga bukomeye kw’isi

BMW yabaye iya mbere mu bwoko bw’imiduga bukomeye kw’isi

lundi 20 Rusama 2013

Mw’ihiganwa ry’ubwoko bw’ibintu bikomeye kw’isi kubw’ikinyamakuru Forbes, ni BMW iza imbere. Mugabo ntirikure cane ya Apple, Google n’ubundi bwoko bwoba buzwi nk’ubukomeye.

Ikinyamakuru c’ubutunzi c’abanyamerika « Forbes » kizwi k’ukungene kigira intonde z’ubwoko bwose, yaba mukugira intonde z’abantu batunze cane kw’isi kurusha abandi, yaba intonde z’ibintu bikomeye kurusha ibindi. Ubu n’ubwoko bw’ibintu bwatondekeshejwe bihwanye na Top 100 z’ubwoko bw’ibintu bihambaye kw’isi.

Nk’uko bisanzwe, amazina aza ubwa mbere, n’aya Apple, Microsoft n’aya Coca-Cola. Ubwoko buri hejuru buza imbere bufise agaciro kangana n’amafaranfa agera ku miriyaridi 87,1 y’amadorare y’abanyamerika, bukazoba ubw’icumu na rimwe k’urutonde bw’ukugene abakunzi babwo babubona.

Baravye ubusumbasumbane, IBM ni ikintu gihambaye m’ubuhinga bwa none, iza imbere ya Intel na Mc Donalds. Hanyuma hafi gato iy’umunani y’urutonde –General Electric- tuhasanga umuntu wa mbere kw’isi yakoze umuduga. BMW igaca iza ubw’icenda ku gaciro k’amafaranga agera kumiriyaridi 26,3 y’amadorare y’amanyamerika, ubwoko burihwa ikiguzi kirengeye Apple ku rwego rw’ukugene abakunzi babwo babubona buri ku kibanza ca 5.

Inyuma yaho gato Samsung iza mu kibanza c’icumi na kabiri na Disney, mu kibanza ca cumi na gatatu, turabona umuntu wa kabiri yakoze umuduga uri k’urutonde : Toyata iza mu kibanza ca cumi na kane ku gaciro kangana imiriyaridi 21,5 y’amadorare y’abanyamerika. Bigaca bisabwa kumanuka ku kibanza ca cumi na gatandatu kugira hatorwe izina ry’umuntu wa gatatu yakoze imodoka, uyu nawe akaba ari Mercedes ku gaciro kangana imiriyaridi 21,8 y’amadorare y’abanyamerika ariko irasanzwe kuko iza mu kibanza ca 54 kw’isi yose k’ukungene abonwa n’abanywanyi bayo. Honda iri mu kibanza ca cumi n’icenda, Audi mu kibanza ca 32.
Mukamenya ko ata mufaransa n’umwe ari k’urutonde, ntibanarusha na General Motors yagumye mu mirwi ikomeye y’imiduga izwi yo kw’isi.

Kugira habe urwo rutonde, Forbes yahagaze ku bintu bibiri bikuru: agaciro k’amafaranga y’amahinguriro n’ukungene abonwa n’abanywanyi. Kuri BMW, ntiyatangaye n’ukungene yashizwe ku kibanza co hejuru kuko ubwo bwoko bw’abadagi ntibuhengeshanya kurushirizaho kuziganya inyungu zabwo mbere n’ibiharuro vy’igurishwa ry’ayo biguma vyiyongera n’ubwo ubutunzi bugoye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.