IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bosco Ntaganda ari imbere ya sentare mpuzamakungu

Bosco Ntaganda ari imbere ya sentare mpuzamakungu

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Bosco Ntaganda, yahoze ari umukuru w’umurwi w’abarwanyi muri Repuburika Iharanira intwaro rusangi ya Congo, ari imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC, iri i La Haye.

Ariko Jean Bosco Ntaganda ariko arahakana ivyaha vyakozwe mu ntambara aregwa mu myaka icumi iheze, mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Bosco Ntaganda niwe muntu wa mbere aregwa ivyaha muri iyo sentare yitanze kubushake bwiwe.

Umwaka uheze, General Ntaganda yitanze mu biro vy’uwuserukira Reta zunzubumwe z’Amerika mu Rwanda. Ntaganda yari umwe mu bantu baronderwa cane n’iyo sentare y’i La Haye, akaba aregwa ivyaha18 bimwe muri vyo birimwo gukoresha abana b’abakobwa ku rugamba, no kubakoresha ibikorwa vy’ubusambanyi nk’abacangero.

Sentare rero ikaba iriko iraraba namba hari ibimenyetso bigaragara vyagira uyo murwanyi wo mu gihugu ca Repubyrika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kugira ibikorereko, nawe aheze akubitwe intahe mu gahanga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.