Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Brad Pitt na Angelina Jolie bafashe ingingo yo kuja kuba muri Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Brad Pitt na Angelina Jolie bafashe ingingo yo kuja kuba muri Afrika (...)

Brad Pitt na Angelina Jolie bafashe ingingo yo kuja kuba muri Afrika y’Epfo

vendredi 30 Rusama 2014

Abakinyi rurangiranwa kw’isi mu gukina amareresi (Hollywoodienne) bazwi kw’izina rya Brad Pitt na Angelina Jolie bafashe ingingo yo kuva mu gihugu Amerika bakaja kuba mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

Gukina ireresi nshasha bikaba biri mu vyatumye abakinyi Brad Pitt na Angelina Jolie bafata ingingo yo kuja kuba muri Afrika y’Epfo, mu gisagara ca Johannesburg.
Brad Pitt na Angelina Jolie hamwe n’abana babo batandatu.Bakaba bashimye kuja mu nzu iri muri karatiye ya Sandhust irihwa ku kwezi, amafaranga agera ku 7 600 y’amadorari y’amanyamerika.

Gushika ubu, ntawuramenya igihe bazomarira mu gihugu ca Afrika y’Epfo, n’umugambi wo gukina iyo reresi baje gukina, bakaba batarawumenyesha. Mwomenya ko igihugu ca Afrika gisanzwe gikundwa n’abakinyi b’amareresi (hollywoodienne) batari bake, kuko ari igihugu coroshe gukiniramwo mbere n’amafaranga yo gukinisha amareresi akaba abayabaye ugereranije no mu bindi bihugu vya rutura kw’isi.

Messages

  • tubahaye ikaze kuri uno mugabane wacu ushaje kubutaka bwa Mandela.

  • iyo article ubwayo yari nziza ariko hariho akajambo mwagumye mwandika nibaza ko ata sens gafise: "hollywoodienne". turazi ko kavuy mw’ijambo "hollywood" mugabo iyo mwanditse "hollywoodienne" ntigasubira gutahurika.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.