Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bradly Manning asabirwa agasho n’agashimwe k’amahoro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bradly Manning asabirwa agasho n’agashimwe k’amahoro

Bradly Manning asabirwa agasho n’agashimwe k’amahoro

mercredi 21 Myandagaro 2013

Umusirikare w’umunyamerika Bradley Manning aza gucirirwa urubanza kuri uyu wa gatatu ku muhingamo. Umushikirizamanza wa sentari y’igisirikare yamusabiye igihano c’agasho k’imyaka 60. Aho ni mu gihe hari urwete ruriko ibikumu 103 000 vy’abantu bamusabira agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel k’uyu mwaka.

JPEG - 6.3 ko
Bradley Manning

Ku muhingamo w’uyu wa gatatu, urubanza rwa Bradley Manning ruraza gusomwa. Uno akaba ari umusoda yasabiwe umunyororo w’imyaka 60 n’umushikirizamanza muri sentare y’igisirikare ca Leta Zunzubumwe z’Amerika. Yagirwa kuba yarahaye urubuga ngurukanabumenyi “Wikileaks” ibihumbi vy’amadosiye y’ibanga yerekeye ivyo imigenderanire n’igisoda vya Leta Zunzubumwe z’Amerika.

Ivyo bikaba biruko mu gihe hari urwete rw’abamushigikiye bavuko Bradley Manning ari intwari. amauri abo bagera ku gihumbi 103 bararungitse urwete ku murwi utora abaronka agashimwe kitiriwe Nobel. Bakaba bashize igikumu kuri urwo rwete basaba ko Bradly Manning ariwe yohabwa agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel ko mu 2013. Ariko Geir Lundestad, umuyobozi w’umurwi utora abahabwa ako gashimwe akaba yaramenyeshejeko urwo rwete rudashobora gufatirwako mwitora ry’uwuhabwa ako gashimwe.

Bradley Manning akaba ari mu mvuto kuva muri Rusama 2010. Ni umusore afise imyaka 25 ans y’amavuko. Nkuko umushingwa manza amuburanira yabivuze mu mburano ziwe, Bradley yagize kahise kagoye mu buto bwiwe. Yarafise abavyeyi biziziwe n’akaborerwe. Yaburaniwe avurwako yigeze kurwara mu mutwe. Mu rubanza ruheruka uwo musirikare akaba yarasavye imbabazi ku bantu yababaje no kuri Leta Zunzubumwez’Amerika kuri ayo makuru yahaye Wikileaks.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.