Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Brarudi: Ababuriye ivyabo mw’isoko bagiye kuhatorera akoyokwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Brarudi: Ababuriye ivyabo mw’isoko bagiye kuhatorera akoyokwe

Brarudi: Ababuriye ivyabo mw’isoko bagiye kuhatorera akoyokwe

vendredi 28 Ruheshi 2013

Igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2013, umunsi w’intibagiranwa mu Burundi, aho isoko nkuru ya Bujumbura yatokombeye n’umuriro igahitana n’ivyarimwo vyose. Bica bituma abatari bake bahahombera, n’ubutunzi bw’igihugu buca buragabanuka k’urugero ruboneka.

Ishirahamwe Brarudi ryaragiye hamwe kugira rigarukire ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura ryongere rishigikire n’abadandaza batobato bahora bahakorera, ikoresheje amahera yatororokanije mu giteramo c’umuziki yari yatunganije igenekerezo rya 31 Ntwarante 2013. Imiriyoni 30 z’amafaranga y’amarundi niyo yatanzwe n’ishirahamwe Brarudi, kugire azofashe abo bose bahombeye mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Kuri uyu munsi igenekerezo rya 28 Ruheshi 2013, niho hasinywe amasezerano hagati y’ishirahamwe Brarudi n’ububiko bwo kwiyungunganya buzokwakira ayo amafaranga yatanzwe, aribwo: ” Fondation Uburundi Bwacu” na” Kazoza Micro –Finance”.

Ku bijanye n’ingene azokoreshwa n’ingene azokurikiranwa, ishirahamwe Brarudi yarategekanije uburyo buzoshobora gukurikirana ingene azokoreshwa ata mahinyu abayemwo. Fondation “Uburundi Bwacu” ikaba ariyo yateguwe kuzokwakira izo miriyoni 30, ica yuguruza ikigega muri Kazoza Micro-Finance ari nayo izoshobora kugurana abandandaza baburiye ivyabo muri iyo soko, ikazogura umudandaza wese amafaranga 100 000 y’amarundi kandi atanyungu ibasavye. Ivyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Brarudi. Ku bibaza ko ayo mafaranga 100 000 azohabwa abari basanzwe bafise amakonte yabo muri Kazoza Micro-finance, Jean-Claude Bitariho, yagize ico abivugako, avuga ko babanje gufasha abahombeye mw’isoko nkuru ya Bujumbura bari basanzwe bafise amadeni batari bwarihe kugira afutwe, abandi bazokwiyindikisha, baheze baronke mu nyuma.

Muti none abo bandandaza bazoronka ayo mafaranga hisunzwe iki? Ubwa mbere bazoronka inyigisho kuvyerekeranye n’ingene bazoronswa ayo mafaranga, mu nyuma umudandaza wese ace yerekana ko yarasanzwe afise ikibanza mw’isoko nkuru ya Bujumbura niho bazomugurana ivyo bihumbi 100 000. Ikiringo co gukurikirana ingene ayo mafaranga yatanzwe n’ingene azokoreshwa, akaba ari gushika ku mezi 8. Kazoza Micro-Finance akaba ariyo izokurikirana ibikorwa vy’ingene abo badandaza bazokoresha ayo mafaranga baronse. Mu mugambi wo gufasha ababuriye ivyabo mw’isoko, Claude Nikondeha, arongoye Fondation Uburundi Bwacu babifashijemwo n’ayandi mashirahamwe, yamenyesheje ko bamaze gufasha abandandaza batari bake, bagera ku majana ane ikoresheje imiriyoni 40 z ’amafaranga y’amarundi.

Ishirahamwe Brarudi rikaba ryashimiye abo bose bafashije kugira ayo masezerano y’urukumu ashikweko, nk’abamenyeshamakuru bamenyesheje ku buntu igiteramo c’umuziki catumye izo muriyoni 30 zitororokanywa, abavuza umuziki, n’abakozi bose b’Ishirahamwe Brarudi bitanze mu buryo bwose.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.