Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bresil: Ibitangurirwa vyarateye mu gisagara ca Santo Antonio de (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bresil: Ibitangurirwa vyarateye mu gisagara ca Santo Antonio de (...)

Bresil: Ibitangurirwa vyarateye mu gisagara ca Santo Antonio de Platina

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Igisagara Santo Antonio de Platina co mu gihugu ca Bresil caratewe n’ibitangurirwa ku buryo muri ico gisagara wari kwiyumvira ko ibitangurirwa birwa nk’imvura.

Mu gisagara ca Santo Antonio de Platina vyoba vyiza kubayo utanka ibitangurirwa.Muri ico gisagara,hari ubwoko bw’ibitangurirwa vyibonekeza ku buryo abantu batanguye kwibaza ko birwa nk’imvura.

Erick Reis ingenzi y’imyaka 20 y’amavuko yabonye ingene ivyo bitangurirwa vyariko birarwa kuw’Imana igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2013,yararonse akaryo ko gufata amasanamu.

Nk’uko Reis yabimenyesheje ikinyamakuru 7sur7,ngo yariko arafata amasanamu y’abakunzi bariko baraganira aca abona ivyo bitangurirwa ku rugero atari bwabone,vyatumye mbere yibagirira igikoresho ciwe gifata amasanamu mu mvura.

Kubwa Marta Fischer umushakashatsi muri kaminuza Pontificale Catholique du Parana,yanonosoye ibijanye n’ibitangurirwa,ngo ivyo birasanzwe muri ako karere k’igihugu ca Bresil.
Kubwiwe ngo ni ubwoko bw’ibitangurirwa bwitwa Anelosimus Eximius,biba hamwe kandi bigiye guhiga bigendera hamwe.

Uwo mushakashatsi yamenyesheje ko ubwo bwoko bw’ibitangurirwa bufise imibano myiza hagati yavyo.

Ku mutaga biba biri mu biti,buriko buragoroba bica bija hamwe mu kirere bigakora umutego munini wo gufata ico bifungura.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.