Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Brésil : Papa ntiyorohewe mu rugendo rwiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Brésil : Papa ntiyorohewe mu rugendo rwiwe

Brésil : Papa ntiyorohewe mu rugendo rwiwe

mercredi 24 Mukakaro 2013

Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye n’inyonora ry’ubutunzi bw ‘igihugu yarahungabanije umunsi wa mbere w’urugendo rwa papa Francisko mu gihugu ca Bresil.

Nta mubonano n’umwe wari utegekanijwe ku rutonde rwa papa Fransisko rwo kuri munsi w’ejo kuwa kabiri, igenekerezo rya 23 Mukakaro 2013. Vyari bitegekanijwe ko aguma wenyene mu gacere mu nyubakwa ya Sumare i Rio.

Ku munsi wa mbere w’urugendo rwiwe mu gihugu ca Bresil, mu gihe wari umunsi mpuzamakungu y’urwaruka, papa Fransisko yakiriwe n’abakirisu isinzi banererewe no kumubona hamwe n’abari basanzwe bari mu myirekano.

Abajejwe umutekano 20 000 bari kumwe n’igipolisi bo mu gihugu ca Bresil bari biteguriye gucungera umutekano w’iryo sinzi y’abantu, narirya hari urwaruka rugera ku muriyoni umwe n’igice rwaje ruva mu bihugu 170 kubw’igice kigira ica 18 c’umunsi wahariwe urwaruka hamwe n’imyiyerekano idasanzwe yariko ibera hafi y’isengero.

Mu gihe papa Fransisko yari mu mubonano n’umukuru w’igihugu ca Bresil Dilma Rousseff, igipolisi kugira cirukane abariko bagira imyiyamamazo yateye umudugararo, carinze gukoresha vya vyuka birakira, baca birukira impande zose na hafi y’ikirimba ca Guanabara, ahari icicaro c’inzego za Rio.

Ku kirimba Guanabara aho abo bategetsi babiri bari, havugiwe amajambo atandukanye y’ikaze mu kwakira papa Fransisko. Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, umukuru w’igihugu ca Bresil, Dilma Rousseff yagize icavuze ku myiyamamazo iriko ibera mu gihugu arongoye ca Bresil, ariko papa yashimye gushimikira ku bijanye n’ubuzima bwa gikirisu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.