Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bresil yirahiye umurwi wa Espagne - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bresil yirahiye umurwi wa Espagne

Bresil yirahiye umurwi wa Espagne

lundi 1er Mukakaro 2013

Umurwi nserukiragihugu wa Brezil waraye werekanye urukino rwo ku rwego rwo hejuru aho wakina n’umurwi nserukira gihugu wa Espagne ku rukino rwa nyuma rw’igikombe gihuza ibihugu vyatsinze iwabo cari kimaze indwi zibibiri kibera mu gihugu ca Brezil, bikaba vyaje kurangira umurwi wa Brezil utahukanye intsinzi, maze kiba igikombe ca kane gitwawe n’uyo murwi muri ayo mahiganwa.

Imbere y’abakunzi atari bake bari bakubise harazima ku kibuga ca Maracana, umurwi nserukira gihugu wa Brezil watsinze ibitsindo bitatu ku busa umurwi w’igihugu ca Espagme, wari umaze gutsinda inkino 29. Igitsindo ca mbere catsinzwe na Fred ku munota wa mbere ku mupira yaherejwe na Hulk, ukora kuri Neymar, umukinyi Albeloa ananirwa kuwukura imbere y’izamu, maze Fred aba yabonye izamu aca ashiramwo igitsindo ca mbere.

Umurwi wa Espagne waje muri aya mahiganwa uhabwa amahirwe n’abantu benshi ko utegerezwa gutahukana igikombe co muri nya mahiganwa baravye ko uyo murwi ugizwe n’abasore bakomeye bakina muri FC Barcelone, ariko muri iyi minsi FC Barcelone ikaba ata kinini iriko irereka abakunzi bayo. Urukino rwarabandanije, ariko umusore azwi kw’izina rya Oscar asanzwe kandi akinira umurwi wa Chelsea yo mu Bwongereza, maze aca ahereza umupira mwiza Neymar, gurtyo igitsindo ca kabiri kiba kirabonetse. Neymar rero ninawe yotowe kuba umukinyi rurangiranwa muri ayo mahiganwa.

Igice ca kabiri gitanguye, umurwi wa Brezil waciye ushirayo ikindi gitsindo ca gatatu ku munota wa 48, gitsinzwe kandi na Fred, maze icizere ca Espagne c’ugutahukana intsinzi y’amahiganwa kiba kirarangiye. Espagne mu nyuma yararonse penalty ariko Sergio Ramos awucisha ku ruhande, ibintu bica bibandanya bitameze neza kuri uyo murwi wa Espagne. Umurwi wa Espagne wabandanije urukino abakinyi badakwiye kuko inyuma gato, umukinyi Gerald Pique yahawe ikarata itukura ibintu bica bibandanya vyunyuka.

Brezil yaraye yerekanye ko ikomemeye kandi ko izitabira amahiganwa mpuzamakungu uhagaze neza, n’aho ku rutonde rwa FIFA uyo murwi waza ku rutonde rwa 222. Ku va mu mwaka w’1934, Brezil ntirigera itsindwa na Espagne.
Espagne nayo imaze imyaka 40 idatsindirwa iwabo n’igihugu icarico cose haba mu mahiganwa ya FIFA canke igihugu co muri Amerika y’Epfo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.