IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Abacamanza basabwa kudaca izangondagonde

Bubanza : Abacamanza basabwa kudaca izangondagonde

lundi 10 Ruheshi 2013

Abanyagihugu bo mu ntara ya Bubanza barashimishwa n’inyubakwa y’ubutungane baherutse kuronswa, aho iyo nyubakwa yuguruwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 Ruheshi 2013 n’ umushikiranganji w’ubutungane Pasikari Barandagiye ari kumwe n’uwuserukira ingoma y’Uburigi mu Burundi Marc Gedopt.

Nk’uko bivurwa n’umushikiranganji Barandagiye, iyo nyubakwa y’igorofa yatwaye amafaranga angana n’imiriyoni ibihumbi amajana abiri, harimwo n’ibikoresho. Umushikiranganji kandi yarashimiye ibikorwa bitandukanye bikorwa n’Ingoma y’Ububirigi mugushigikira ubutungane bw’Uburundi. Imfashanyo z’Ububirigi rero zirashigikira cane Uburundi mu kwegereza ubutungane abanyagihugu kugera mu mwaka w’2015, ndetse n’ugushigikira ubutungane bwubahiriza agateka ka zina muntu.
Ivyo bikorwa rero biriko bishigikirwa n’Ububirigi, biriko bikorwa mu ntara zo Hagati hashira Uburengero bw’Uburundi, ni ukuvuga intara za Mwaro, Muramvya, Cibitoke, Bubanza.

Muri ivyo bikorwa rero biriko bishigikirwa n’igihugu c’Ubirigi, bituma igisata c’ubutungane gikora neza, ndetse n’abanyagihugu bagaheza bakoroherezwa haba abafatwa, abagirwako amatohoza eka ndetse n’abafatwa ku mvo z’amatohoza.
Umushikiranganji Pasikari Barandagiye asaba abasanzwe bafasha igisata c’Ubutungane kuguma babafasha kugire igikorwa c’ugusanura inyubakwa z’ubutungane canke kwubaka izindi bishike mu gihug cose c’Uburundi.

Ku bw’uwuserukira ingoma y’Ububirigi mu Burundi Marc Gedopt, avuga ko igihugu kirongowe neza, gitandukanya uburongozi n’ubwigenge bw’ubutungane. Ku bw’uwuserukira Ububirigi mu Burundi avuga ko ubwigenge bw’ubutungane butuma haboneka iyubahirizwa rya kiremwa muntu mu gihugu, ndetse n’ubwigenge bw’abanyagihugu. Yabandanije avuga ko ubwo bwigenge bw’ubutungane bufasha mu gihe intwaro rusangi ishinze imizi mu gihugu kandi abanyagihugu bakagira ijambo ku bikorwa vya Leta.

Abacamanza bo mu ntara ya Bubanza rero basabwa gukoresha neza ibikoresho baronse kugire bize bitange umusaruro mwiza mu gisata c’ubutungane, mu ntara ya Bubanza ndetse no kuzindi ntara zibitura.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.