IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Abamenyeshamakuru babiri basubiye kurenguka

Bubanza : Abamenyeshamakuru babiri basubiye kurenguka

jeudi 5 Ruheshi 2014

Abamenyeshamakuru babiri bakorera insamirizi Bonesha FM na RPA i Bubanza, bahawe isango ryo kwitaba ubutungane kuwa 19 Ruheshi mu ntahe y’icese, bakaba bagirizwa guhungabanya umutekano.

Eloge Niyonzima akorera RPA, hamwe na Alexis Nkeshimana wa Bonesha FM, bompi bakorera mu ntara ya Bubanza bitavye ubutungane, inyuma yaho ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu barungikiwe umutahe wo kwitaba sentare nkuru ya Bubanza. Imvo nayo kwari kugira babwirwe ico bagiye kuzobazwa mu minsi iza, na ryari bazoza baraburana. Sentare nkuru ya Bubanza yamenyesheje rero ko abo bamenyeshamakuru bazorenguka ku wa 19 Ruheshi mu rubanza rujanye n’amakuru batanze kuwa 16 Ndamukiza, ajanye n’ibirwanisho vyoba vyariko bihabwa urwaruka rw’imbonerakure rwo mu mugambwe CNDD-FDD. Bakaba bitwariwe n’uwitwa Nephtali Niyongabo, asanzwe afise inzu y’ihoteri co kimwe n’uwuserukira abadandaza i Bubanza. Abandi bitwariye abo bamenyeshamakuru akaba ari umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bubanza. Icaha bagirizwa akaba ari uguhungabanya umutekano.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ (Union Burundaise des Journalistes) , Alexandre Niyungeko yaheruka kwiyamirije yivuye inyuma iterabwoba ririko rikorerwa abamenyeshamakuru muri kino gihe. Akaba yasavye urwego rujejwe itangazamakuru CNC gukurikiranira hafi ico kibazo cabo bamenyeshamakuru.

Alexandre Niyungeko arongoye UBJ (Union Burundaise des Journalistes)

Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.