IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Abamenyeshamakuru babiri bahawe irindi sango ry’ukurenguka

Bubanza : Abamenyeshamakuru babiri bahawe irindi sango ry’ukurenguka

vendredi 25 Ndamukiza 2014

Abamenyeshamakuru Alexis Nkeshimana akorera Bonesha FM na Eloge Niyonzima akorera RPA mu ntara ya Bubanza bararengutse imbere y’icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza, ku munsi w’ejo kuwa kane.

Icariho c’umushikirizamanza muri iyo ntara akaba yasavye Alexis Nkeshimana wa Bonesha FM ko yotanga aho yakuye inkuru hamwe n’amazina y’abantu babahaye inkuru y’itangwa ry’ibirwanisho ku mbonerakure za CNDD-FDD.
Uwuburanira Alexis Nkeshimana yasavye nyabuna icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza ko yogenzura neza akaraba namba uwutwariye uwo aburanira abifitiye uburenganzira. Alexis Nkeshimana yitwariwe na n’umushingamateka Juvenal Havyarimana arongoye umugambwe CNDD-FDD i Bubanza.

Icariho c’umushikirizamanza mu ntara ya Bubanza yemeye ko agiye kuvyihweza, bibaye ngombwa ico kirego kigakurwaho, aho mukamenya ko uwo yitwariye Alexis Nkeshimana yategerezwa kwitura urwego CNC rujejwe itangazamakuru mu Burundi.

Eloge Niyonzima akorera RPA aho nyene mu ntara ya Bubanza ntiyumvirijwe kuko atari kumwe n’umushikingwamanza wiwe. Bompi bakaba babwiwe ko bazosubira kurengutswa kw’isango ritaramenyekana.


Isabelle Simbarakiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.